Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ifaranga ry’u Burundi ryataye agaciro ugereranije n’idolari na (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Ifaranga ry’u Burundi ryataye agaciro ugereranije n’idolari na (...)

Ifaranga ry’u Burundi ryataye agaciro ugereranije n’idolari na Euro

mardi 19 Ruhuhuma 2013

Kuza ubu idorali rimwe ry’abanyamarika rigurwa amafaranaga ari hagati y’1740 n’1750 y’amarundi. Ifaranga ry’abanyabulaya naryo Euro rimwe riri ku mafaranga y’amarundi 2280.

Umuhinga mu vy’ubutunzi Faustin Ndikumana arongoye n’ishirahamwe ryigenga PARCEM avuga ko itituka ry’agaciro k’ifaranga ry’u Burundi ritumwa n’uko igihugu cinjiza ibintu vyinshi bivuye hanze ariko kigashora bike. Ivyo ngo bituma igihugu c’u Burundi gikena amafaranga y’agaciro nk’amadolari n’amanyabulaya Euro.

Faustin Ndikumana avuga ko ihindagurika ry’agaciro k’ifaranga ry’u Burundi rifise ingaruka mbi ku gihugu. Ngo ibidandazwa biva hanze bica biguma biduga agaciro cane.

Amenyesha kandi mu mezi atarenga atatu aheze, ifaranga rimwe ry’u Burundi ryakorotse agaciro gushika ku bice birenga 30 kw’ijana. Idolari rimwe ryavuye kumafaranga y’amarundi 1400, ubu rigeze ku mafaranaga arenga gato 1740. Nayo ifaranga rimwe ry’abanyabulaya Euro rigeze ku mafaranaga arenga gato 2280 y’amarundi.

Uwo muhinga asigura ko bituma kandi u Burundi buguma bukoresha amafaranga y’imfashanyo mvamakungu kuko ata yandi mikoro ahari menshi.

Asaba ibanki nkuru y’igihugu BRB kugenzura neza amafaranga y’agaciro yose yinjira mu gihugu kuko ngo usanga hariho abantu bafise amafaranga y’agaciro ariko badashima kuyabitsa mu mabanki. Ngo bibonekera ku mamodokari meza meza agurwa hamwe n’ibizu binini binini vyubakwa n’abantu usanga ata mikoro aboneka bafise kandi batanasavye ingurane mu banki yo mugihugu.

Asaba kandi ko ababijejwe bokwicara hamwe hanyuma bagatorera umuti ico kibazo c’amafaranga y’amarundi ata agaciro kuko ngo bituma n’ubutunzi butiyongera.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.