Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ifaranga ry’Uburundi ntiryataye agaciro ugereranije n’ibindi bihugu vyo muri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Ifaranga ry’Uburundi ntiryataye agaciro ugereranije n’ibindi bihugu vyo muri (...)

Ifaranga ry’Uburundi ntiryataye agaciro ugereranije n’ibindi bihugu vyo muri EAC

jeudi 15 Rusama 2014

Ifaranga ry’Uburundi ntiryataye agaciro cane ugereranije n’amafranga y’ibindi bihugu biri mu karere k‘ Afrika y’Ubuseruko, vyashikirijwe na Yohani Ciza arongoye ibanki nkuru y’igihugu.

Kuri uno wa kane igenekerezo rya 15 Rusama , ibanki nkuru y’igihugu yatunganije uruganda rwo gushikiriza ingene ibanki nkuru y’igihugu irangura imigambi yayo hamwe n’ivyo yimirije gukora. Umuyobozi w’ibanki nkuru y’igihugu , Yohani Ciza amenyesha ko ifaranga ry’Uburundi ritataye agaciro cane ugereranije n’ibindi bihugu biri mu karere k‘ Afrika y’ubuseruko. Yohani Ciza yemeza kandi ko igitigiri c’amahera akora mu gihugu kimeze neza kandi ko BRB ( Banque de la République du Burundi ibandanya ikora ibishoboka vyose kugira ibiciro vy’ibidandazwa ntibiduge.

Uwurongoye ibanki nkuru BRB, yabandanije amenyesha ko ibanki nkuru y’igihugu yabandanije iha amafaranga y’agaciro amabanki y’ubudandaji kugira ibidandazwa ntibibandanye kuduga . Umuyobozi w’ibanki BRB yatanze kandi umuco ku bavuga ko ibanki nkuru y’igihugu yoba itagifise uburyo bwo gukora amakomande y’amanoti mashasha, ku buryo usanga hatembera inoti zishaje, aho mbere nk’inoti y’ 2000 vy’amarundi idakunze kuboneka mu ma banki.

Umuyobozi w’ibanki BRB arabeshuza, akavuga ko BRB ata ngorane y’amanoti ifise asigura ko gusa icabaye n’uko kumbure haca umwanya munini kugira amafranga baba basavye ashikire iyo banki nkuru y’igihugu.

<


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.