IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Igenwa rya bamwe mu bategetsi ba Regideso ryoba ariryo rituma haba ubuhinga (...)

Igenwa rya bamwe mu bategetsi ba Regideso ryoba ariryo rituma haba ubuhinga buke

samedi 17 Myandagaro 2013

Kubwa bamwe mu bahinga bakoze icirwa ku bijanye n’ikoreshwa ry’amatara n’amazi mw’ishirahamwe Regideso, amasezerano yari yashizweho hagati ya Leta y’Uburundi n’ishirahemwe REGIDESO ntiyashitse ku ntumbero yayo.

Barashikirije kandi bavuga ko inyungu za politike arizo zishirwa imbere mw’itunganywa rya Regideso, ivyo navyo bikabonekera mw’igenwa ry’abajejwe gutunganya ubutunzi muri iryo shirahamwe, ivyo bakabishikiriza mu gihe abo batunganya ivy’ubutunzi bategerezwa gutorwa n’inama nkuru y’ishirahamwe Regideso.

Kubwa Taiba Mbaye, umuhinga yingenga, igenwa mu buyobozi bukuru bw’ishirahamwe Regideso n’itegeko ry’umukuru w’igihugu, rishobora gutera kubagenwe ugusigana mu mabanga bajejwe.

Ku ruhande rwa Leta ntibemera ivyo bivugwa n’abo bahinga. Kubw’umushikiranganji w’ubutare n’agataka hamwe n’abandi bategetsi bo mw’ishirahamwe Regideso bari muri iyo nama, igenwa ry’abajejwe gutunganya ivy’ubutunzi mw’ishirahamwe Regideso hakoreshejwe itegeko ry’umukuru w’igihugu, sivyo vyotera intambanyi zibuza ishirahamwe Regideso kwongerereza ubuhinga.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.