Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igice ca mbere ca Primusic casozerewe i Bubanza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Igice ca mbere ca Primusic casozerewe i Bubanza

Igice ca mbere ca Primusic casozerewe i Bubanza

lundi 19 Myandagaro 2013

Ihiganwa rya primusic rihuza abaririmvyi bavuye mu ntara zose z’igihugu ryaraye risozereye igice ca mbere c’ihiganwa. Ico gice kikaba carangiriye mu ntara ya Bubanza. hakaba hatowe abaririmvyi babiri bazoserukira iyo ntara.

Igice ca mbere c’ihiganwa rya Primusic caraye kirangiriye mu ntara ya Bubanza. mu baririmvyi bari biyandikishije bagera 58. Muri bano hakaba habanje gutorwamwo 10 aribo baciye bahiganwa ku kibuga c’i Bubanza maze hatorwa 2. Mujimbere Gabriel na Nikuze Aldo akaba aribo baririmvyi bazoserukira intara ya Bubanza.

JPEG - 110.6 ko
Mujimbere Gabriel na Nikuze Aldo

Abaririmvyi 10 baririmvye imbere y’abitavye igiteramo co kubacaguramwo 2 bari bono : Amissi Juma , Bigirimana Chris , Bigirimana Guide , Kwizera Pascal , Kwizera Walter , Mahoro Erica , Mpawenimana Jean paul , Mujimbere Gabriel , Nikuze Floris na Masabo Aldo Guy. Bakaba baririmvye imbere ya Sat-B na Rally-Joe, aba ambassadeurs ba Primusic , hamwe n’umurwi ujejwe gutanga amanota.

JPEG - 91.7 ko
Umurwi w’abaririmvyi biyandikishije

Ico gice ca mbere ca Primusic kikaba kirangiye hatowe abaririmvyi 46 bazoserukira intara zose 17 zigize Uburundi. Abo bkazoba bazohurira i Bujumbura mu gice ca kane gishira icanyu aho hazotorwamwo 12 bazoja mu gice ca kabiri gishira icanyuma. Igice ca kabiri gishira ica nyuma naho hatorwemwo 6. Abo 6 nabo akaba aribo bazovamwo umwe azotsindira agashimwe k’ihiganwa rya Primusic ry’uyu mwaka.

Mwomenyako mu giteramo cabaye i Bubanza habonetse abaririmvyi babiri bakuwe mw’ihiganwa ryo gutora abaserukira iyo ntara. Imvyo zugukurwa mu bahiganwa akaba ari uko bari bahiganywe i Bujumbura, aho bari batsinzwe. Ivyo rero bikaba vyabaye kimwe mu bitangaje vy’abaye muri iryo higanwa ry’i Bubanza.


Sengurebe Joël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.