IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Igiciro c’ibitoro gihejeje kuduzwa n’ubushikiranganji bw’ubudandaji

Igiciro c’ibitoro gihejeje kuduzwa n’ubushikiranganji bw’ubudandaji

samedi 14 Nyakanga 2013

Ubushikiranganji bw’ubudandaji buhejeje gufata ingingo yo kuduza igiciro c’ibitoro. Igitoro co mu bwoko bwa essence kivuye ku mafaranga 2200 kija ku mafaranga ibihumbi 2270. Igitoro co mu bwoko bwa mazutu kivuye ku mafaranga 2150 kija ku mafaranga 2250. Igitoro co mu bwoko bwa Peterori kivuye ku mafaranga 2040 kija ku mafaranga 2120.

Iyo ngingo yo kuduza ivyo bitoro yamenyekanye inyuma y’itangazo rimenyesha iryo duzwa ry’ibiciro ryashizwe ahabona n’ubushikiranganji bw’ubudandaji mu Burundi ku murango wo kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 14 Nyakanga 2013.

Ahadandarizwa ico gitoro twashoboye guca, bamaze gutangura gushira mu ngiro iyo ngingo. Ku ruhande rw’abagendesha imiduga yunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura, barashima ko caduze kitabanje kubura. "Twari tumenyereye ko tubanza kumara iminsi tutaronka igitoro, hama tugaheza tumenyeshwa ko cadugijwe. Ivyo vyaratwicira akazi kuko twaca tumara iminsi tudakora."
Abo bunguruza abantu bamenyesha ariko ko ibiciro vyo kwiyunguruza bishobora guca biduzwa kuko rigize kabiri igiciro c’igitoro kiduzwa ariko amafaranga yo kwiyunguruza akaguma ari yayandi nyene. "Turindiriye ingingo izova mw’ishirahamwe ryo kwunguruza abantu."

Muri ATRABU (Association des Transporteurs du Burundi) bamenyesha ko bagiye kuvugana na Leta, bumvikana amafaranga yokwongerezwa kuyo abiyunguruza bahora bariha. "Ntidushobora kuguma dukora, igitoro kiduzwa, ariko twebwe amafaranga baturiha akaguma ari yayandi nyene." Sef Mugabo, icegera c’umukuru wa ATRABU amenyesha ko bataramenya amafaranga bazokwongerako kuko azova mu kiganiro bazogirana n’ubushikiranganji bw’ubudandaji mu Burundi.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.