Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igiciro c’idorari camanutse ibice 8 kw’ ijana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Igiciro c’idorari camanutse ibice 8 kw’ ijana

Igiciro c’idorari camanutse ibice 8 kw’ ijana

mardi 5 Ntwarante 2013

Kuwa gatanu itariki 1 ntwarante 2013, ibanki nkuru ya republika y’uburundi yashimye gusubiramwo ingingo zimwe zimwe zijanye no gutunganya ivunjwa ry’amafaranga y’agaciro.

Kuva ubu kubika no kubikura amafaranga y’agaciro bigiye kuzohora biba mu mwidegemvyo ; ntarugero ntarengwa rw’amafaranga y’agaciro banki izosubira kubwiriza umunywanyi ko abika canke abikura.

Ivyo vyaciye bituma idorari ry’abanyamerika rikoroka kuva kuwa kane itariki 28 ruhuhuma 2013. Ico gihe ryagurwa 1703.8096Fbu rikagurishwa 1731.2904 F, ariko kuwa mbere itariki 4 ntwarante ryagurwa 1556.6464 Fbu rikagurishwa 1581.7536 Fbu kakaba ari akarusho ku mafaranga y’amarundi.

Amadorari y’abanyamerika yavuyeko ibice 8,63% mu minsi itatu, cokimwe no ku yandi mafaranga y’agaciro. Iyo ngingo ya Banki nkuru y’igihugu yafashwe hisunzwe ivyapfunditswe mu nama nkuru y’umutekano yabaye itariki 26 ruhuhuma irongowe n’umukuru w’igihugu ku bijanye n’ivunjwa ry’amahera .

Inama nkuru yigihugu ishinzwe ibibazo vy’umutekano yahamagariye ibanki nkuru y’igihugu gusubiramwo ibijanye n’ivunjwa, no gutunganya uburyo bwo kwinjiza amahera y’agaciro nk’uko bikorwa mu bihugu bimwe bimwe vyaka karere.


Jean Paul Sengiyumva

Messages

  • iryo tegeko niryiza kubika no kubikura amahera yagaciro, ariko hariho abahembwa ama dollar ariko bagiye kubikura bakabukura amarundi akarorero abasirikare ba AMISOM Union African itanga ama dollar muri bank nkuru ariko abasirikare ntibigera bayabona bank yitwa CECAD yigisirikare ntiyigera itanga i dollar muratubariza. ntitumenya bavunje kurangahe? nibareke uwinjiza i dollar abikure i dollar,vyarabaye ukwezi kumwe kuri compte hajako ama dollar baciye bayasubiza muri bank nkuru bashira kuri compte amarundi mwumva hari umwindegemvyo kumahera yumuntu yakoreye. mubibaze muzoduha inyishu murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.