Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igiciro c’igitoro casubiye kugabanuka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Igiciro c’igitoro casubiye kugabanuka

Igiciro c’igitoro casubiye kugabanuka

mercredi 18 Ruhuhuma 2015, par Egide N

Ubushikiranganji bw’ubudandaji, amahinguriro n’amaposita bwasubiye gufata ingigo yo kugabanya igiciro c’igitoro.

Igiciro c’iritiro ya Essence cavuye ku mafaranga 2050 kija ku mafaranga 1880 y’amarundi, hakaba hagabanuwe amafaranga 170 kw’iritiro ya Essence. Igiciro c’iritiro ya Gasoil cavuye ku mafaranga 2050 kija ku mafaranga 1910 y’amarundi, hakaba hagabunuwe amafaranga angana na 140 y’amarundi, nayo igiciro ca peterori cavuye kumafaranga 1780 kija ku mafaranga 1620, hakaba hagabanuwe amafaranga 160 y’amarundi.

Mw’itangazo ryasohowe n’ubushikiranganji bw’ubudandaji, amahinguriro n’amaposita kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 17 Ruhuhuma 2015, bamenyesheje ko bwasubiyemwo ivyo biciro kuko kw’isoko mpuzamakungu igiciro c’igitoro cagabanutse.

Aho tukabibutsa ko hari haciye ukwezi kumwe gusa ubwo bushikiranganji bufashe ingingo yo kugabanya ibiciro vy’isukari n’igitoro.


Alida Sabiteka

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.