Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
IGIHE.tv, imboneshakure nshasha ikora amasaha 24 kuri 24 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > IGIHE.tv, imboneshakure nshasha ikora amasaha 24 kuri 24

IGIHE.tv, imboneshakure nshasha ikora amasaha 24 kuri 24

mercredi 20 Munyonyo 2013

Imboneshakure nshasha yatanguye gukora, aho itangariza ibiganiro i Kigali mu gihugu c’Urwanda. Iyo mboneshakure ikaba yitwa « IGIHE.tv ». icako ibiganiro vy’abakuze ndetse n’ivyabana. Muri uyu mwanya wa mbere, ikaba yatanguye gukora ku buhinga ngurukanabumenyi gusa.

Nk’uko Germain Sahaha, umuyobozi w’iyo mboneshakure nshasha « IGIHE.tv » abimenyesha, iyo mboneshakure ikorera ku buhinga ngurukanabumenyi gusa. Kandi ikora amasaha 24 kuri 24. Ibiganiro vy’iyo mboneshakure bikaba bizoba vyerekeye ibiteramo, imicokama, poritike, urudandaza hamwe n’ibindi.

Uwo muyobozi aranamenyesha akabirya kuri iyo mboneshakure : Umuntu ashaka kuraba ikiganiro cerekanywe ariko atabonye azoshobora kucisubiriramwo maze akirabe. Iyo mboneshakure ikaba izokorana n’izindi mboneshakure mpuzamakungu nka France 24, RTL, ESPN, KTN ndetse n’izindi.

Icigaragaza nuko iyo mboneshakure ifise, ahanini, intumbero y’urudandaza. Kuko, nk’uko vyamenyeshejwe, IGIHE.tv izokwerekana ibimenyeshwa n’amahinguriro abisavye muco mu gifaransa bita « publicité ». « IGIHE.tv izokwerekana amakoraniro, ibirori vy’akaranga, imanza z’ubugeni n’ibindi birori bikwiye kumenyekana ", nk’uko umuyobozi Germain Sahaha yabimenyesheje.

Imboneshakure IGIHE.tv ikaba yashinzwe n’ishirahamwe Free Media Networks ifadikanije na Holy Multimedia hamwe na IGIHE Ltd. Umuyobozi wa IGIHE Ltd, Meilleur Murindabigwi akaba yagize ati : « Free Media Networks ni ishirahamwe rikora ibijanye n’ibimenyeshamakuru. Iryo shirahamwe rimaze umwaka wose rikora ibikorwa bitandukanye mu bijanye navyo ».


INGABIRE Luc-Noël

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.