IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Igihugu c’Ubudagi cahagaritse infashanyo cahora giha Uburundi

Igihugu c’Ubudagi cahagaritse infashanyo cahora giha Uburundi

jeudi 3 Nyakanga 2015

Igihugu c’Ubudagi kibicishije ku buserukizi bwaco mu Burundi,kimenyesha ko cahagaritse imfashanyo cahora giha igihugu c’ Uburundi, kizicishije mu migambi yashigikirwa n’ibisata GIZ,Krw na BGR.

Mu rwandiko rwarungitswe n’ubuserukizi bw’igihugu c’Ubudagi mu Burundi,igihugu c’Ubudagi kimenyesha ko Uburundi butakurikije ivyo bwari bwiyemeje mu biganiro vyabuhuje n’ababufasha mu kwezi kwa Gitugutu 2012,busubira kuvyemeza mu kwezi kwa Kigarama 2014,mu nama zabereye i Bujumbura.

Muri urwo rwandiko ,igihugu c’Ubudagi kimenyesha ko Uburundi butakurikije ingingo zokwubahiriza agateka ka zina muntu, ingingo zigenga intwaro rusangi,Reta ishingiye ku mategeko n’intwaro ibereye.

Igihugu c’Ubudagi kimenyesha ko cisunze ivyo Uburundi bwari bwiyemeje,kigaca gifatira aho ibintu bigeze,gihagaritse infashanyo cahora gishikiriza igihugu c’Uburundi.

Mwomenya ko hari ibindi bihugu vyo ku mugabane wa Buraya vyamaze gufata ingingo yo gihagarika zimwe mu nfashanyo vyahora biha Uburundi.Aha harimwo igihugu c’Ububirigi n’igihugu c’Ubuholande.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Ivyo bihugu nta gitangaje kirimwo kuko nibo bahereza imfanshanyo abari bateguye cout d’etat nababandi batera ama grenade abanyagihugu ataco bazira na ba police barihenda abarundi tuzobaho nivyo twirimira.

  • Nimugende!? Iyoba mwazigumana mugatanga na amahoro!! Ubundi bui munsi muhagarika imfashanyo!?!?

  • abose ntibakunda abarundi kuko abene gihugu nibo bahasinzikarira niba bafashe ibihano reta yuburundi nifate nayo ingingo yirukane abambasaderi bivyo bihugu kuko ntaco bariko batumarira abiwacu nabo baze turonderere ahandi m

  • Basha uwutwe utwiwe muzitege mubinye tubagavyeho i bitero ngonuko mwaretse kwunga ubumwe nu Burundi ahomuzoshakiramuzoza dufashanye kuko ntimuri province itwarwa muburundi kandi nuburundi si province itwarwa mu Budage mwitumvemwo amahoro ikibinukomwarikuvugako muhagarutse imvura ngontizosubire kurwa Burundi nayokuvyogufasha harihabandi baciye babasubirira bishakira gufashanya nu Burundi.

  • Mbega Uburundi Bugiye Kuba Ubwande? Ntaco Hagowe Twebwe Batobato Ariko Imana Iratubon Ntiyanduhevye

  • Erega nayomashirahamwe ya GIZ,KRW,BGR arahomvye none ntiyagavura kwiyomfashanyo yacakuriyo kugirushikire Burundi? Eregahariho nibindi agiyeguhomba bigiye kuzocabihabwa abemeye gukorana nu Burundi.

  • NA KARE HAKORAMWO UBWOKO BUMWE MURI AYO MASHIRAHAMWE.

  • Nimugende ikibinuko mwodusaba kubasubiza ivyomwarimumaze gushira mu Burundi.

  • Birababaje Cane Kubon Igihugu Kirwa Mu Kaga Kand Uburundi Bwari Bufis Incabwenge.Harageze Ko Abarundi Tuba Maso,Tureke Kumaranir Ivy Isi Kuko Tuzobisiga;Tureke Kwicana Kuko Twese Dusanzwe Tur Aba Candidats B Urupfu.Rero Tukiriho Muze Dukor Ivyiza Kugira Nidushik Imbere Y Imana Ntituzomaramare.A Bon Entendeur Salut!

  • arikoturagowe none tubaye abande bucakabirinaho duhungubukene.

  • nibajane ariko batange amahoro,abandi bazazitanga canke bose bareke ico tunyotewe namahoro.

  • Pole sana nkurunziza naho wikukiy bigiye kukugora.

  • nibagende nakare baha akazi abatutsi gusa

  • Uwo mu ambassadeur nace ataha iwabo kuko nukuntu twogumana umuntu atatwifuriza neza ni mumuhe 24 heures kuko sumukunzi wuburundi na tuvireho kuko uburundi ntibugizwe na bantu cumi na batanu kwija ivyo bisiguro ko hari icifuzo bafise muguhindura ubutegetsi kunguvu,nu bagende Imana izo tuzigama kuko niyonkuru kuruta ibindi

  • Hehehe Abarundi Tuzotungwa Na Bik Vyiza.

  • Birababaje kubona ko Petero nkurunziza yahemukiye uBurundi nabarundi akaba ahisemwo kwica abantu n’inkoho abandi bakazokwicwa n’ubukene. Ya Mana yirigwa aratubwira nibazeko itapfuye igihangamye

  • ahubwo mwari mwatevye mwamisega mwe amwratanze imfashanyo kuri buyoya amkuba abarundi twabonye numwana ntazoyibagira twebwe ntamfashanyo yanyu dukeneye muzoyihereze mbonimpa numuryango wiwe.

  • Hari abarundi hano mu Buraya turijumwe women go ubwengebwose bwarabavuyemwo, ugiraguti bumva hariguhugu kivuzeko kiguye gufatura ibihano abarundi benewabo bakacabakora imisimijuru! Bagira baracumvako harumurundi yiciwe muburundi bakaca batambabishima!.

  • Aho muvuga amajambo menshi ngo muriko mutuka abazungu,genda musome biblia umuzungu yarahezagiwe,shigikira nkurumbi muzopfa mwambara ibiraka kunyo hinge turindire gato ubu isukari izogurwa numugabo.

  • Ndabona hari jiji zandika ngo bagende
    mbega ico gipolice cica abenegihugu kizahebwa na Nkurunziza cnk igisirikare cnk abarimu bamashuri tutibagiye ibitaro harageze ko abarundi muca ubwege mureke kubeshwa na kangwi gato abo nyene bapfukamye igihugu munda abana babo bazabandanya kwigira mu mahanga Hama twebwe dupfe batuziza imisoro, amahera igihugu Cari gituze ya yihariye Rwasa na Gaston imbonerakure ngo nzi mushigikire mandat ya gatatu ubu naho Sri Gonzi gushimira satani amaraso ya benefitingu amaze iminsi ameneka.ndasaba abenegihungu gufatana munda mukukuraho ikonzi zamaraso na kangwi kabajura

  • ibi ni SEZIBERA canke ni KAGAME??? uwubizi ansubize kandi bibaye vyiza honsubiza umu cndd fdd

  • uwutakurusha gusenga ntakagukange! rekatujekumavi dusenge murabingene IMANA iduhezagira. nahabantubose boguheba IMANA ikakwikundira ntacobitwaye.

  • Mpore Burundi Bwa NGozi.Ko Hama Habera AMasengesho Menshi Yo Gushimir,imana NGira Hazovayo AKabizi Kinfashanyo Kaza Gusubirira Iyo Ya Badagi?Nanon Bar Baratevy.Muvyerwa Niho Vyabinyakuzmu Vyamwerets Ko AZornka IVyafashisha Igihugu.ESe Inesco Nayo Yotanga Imihoho Noraba Ko Adaca Yimesa?

  • Uko ni ukwihenda, bahagarika imfashanyo bareka ntakibuza ko uburundi buguma ari uburundi mugihe abanyagihugu tubafashe mumugongo. "ntabutunzi kuruta umunyagihugu"

  • Akazima Ubushinwa Bwatwemereye Kudukorera Amafranga. Hama Akemegwa.Hama Murazi Nki Mpuzu Ibirato Ama Cetiro Nibindi Vyishi Bikoregwayo Bazoza Baraturungikira Twiyambarira.Baduhe Nama Franga Duhembe Abakozi. Imfashanyo Zabo Nabandi Basigaye Nibashake Bagumye! Uburundi Dufise Imana.

  • @eric
    Ivyo usaba ntibishoboka,ntidushobora kuja hamwe twese ngo dukure abategetsi bacu,vyifashe wewe wenyene,ivyo navyo udusigurira ntaco bikurabako wa nyenzi we,wugare.

  • ARI JEW MFATIWIBIHANO N’ABAGENZI NOCA NIHA UBUKI

  • akimuhana kaza imvurihise.ubu isi iragabuye,uburaya bwashaka nibugende bwose maze twikorere duterimbere.turaziko bashigikiye abatutsi babi.tuzokwibako.ivyo vyose ni kagame na sezibura wiwe.hakubimbwa wobimva.

  • Hahah Karabaye Pe!Ariko Imana Iratubona Ntitwihebur Urugamba Rushushe Ruba Rugira Rurangir Kimwe Gusa Abarundi Tworeka Kwicana Kuko Ntawahaye Ubuzima Uwundi Atarimana Gusa Ifise Ububash Kumunt!Dusenge Gusa Ibindi Imana Izobikoro!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.