IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Igihugu ca Hollande ciyemeje gukurikiranira hafi umutekano w’Uburundi

Igihugu ca Hollande ciyemeje gukurikiranira hafi umutekano w’Uburundi

mardi 1er Ndamukiza 2014

Mu rugendo arimwo mu gihugu ca Hollande, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yarabonanye ku muhingamo wo ku munsi w’ejo kuwa mbere, n’umwami w’ico gihugu Willem Alexander. Muri uwo mubonano, igihugu ca Hollande camenyesheje ko gikurikiranira hafi ikibazo c’umutekano w’Uburundi.

Umuvugizi w’umukuru w’igihugu, Léonidas Hatungimana, yamenyesheje ko umwami Willem Alexander ashima ko Uburundi buriko buragerageza gutsimbataza amahoro, ari naco gituma igihugu ca Hollande gikurikiranira hafi ikibazo c’umutekano mu Burundi. Umwami Willem Alexander yiyemeje kubandanya akomeza imigenderanire myiza n’Uburundi, mu guhimiriza abarwizatunga b’igihugu ca Hollande ko bozana imitahe yabo mu Burundi.

JPEG - 90.7 ko
Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, ari kumwe na Willem Alexander, umwami wa Hollande

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yarashimye ibikorwa igihugu ca Hollande kirangura mu Burundi, cane cane mu gisata c’ukwongerereza ubumenyi abasirikare n’abaporisi, ari navyo bituma bashobora kubungabunga neza umutekano w’igihugu, mbere n’ahandi wahungabanye mu bindi bihugu, Uburundi bugaterera agacumu k’ubumwe.


Egide Nduwimana

Messages

  • Nibyogose nanjyendemeranyanaba Hollande igisonda cyu Burundi nigi police nicyogushigikirwa cyane kukobamwe mubanye politique bomu Burundi bitwara kabacyengezi birabonekanako iyo abarundi batagira izonzego zumutekano zikunda igihugucyabo vyukuri, habaharaguye ibara mugihugu nicyogituma ingabozu Burundi zirubashwecyane mumahanga gusumba abanye politique, Ubungubu umurundi iyagiye mukindigihugu cyanecyene mubihugu byateyimbere akavugako arumurundi wumunye politique bahitabamubonamwo ububeshyi,gucankabiranya, ubugambanyi, nibindi. Ariko hagize abashyinzwe umutekano batemberera mubihugu byaribyobyose bakimarakumenya kwarumurundi womurwego rwabashinzwe umutekano, baramwubahacyane niyobamuganiriza ntabwobagira amacyiko (amakenga) ngokoyohava ababeshya amahanga amazekumenyako ingabozi Burundi zamaze kwiga ziramenya byukuri, nicyogituma amakungu yigumira yishyakira kwigumira hafinahafi yingabo zuburundi ntakindi bazikundira nukubera bababonamwo gukunda igihugu cyabo nabagituye bose byukuri bitandukanye narwarukundo abanye politique bavugango barakunda uburundi nabarundi, Abarundi mukwiye kwishyimira ingabozigihugu cyanyurwose.

  • We wamunyagwanda kura induru ivyuburundi ntabyuzi muramare ibyanyubibagoye

  • Akiko ntabwombanga mwebwe abarundi rwose, none ntimuvyemerako mufise ingabo zubashwe mumahanga? byantangaza hamwemwobamutabizi ariko bikamenywa nabandibantu batarabarundi rwose!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.