Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igikorwa co kwandika abatiyandikishije ubwa mbere gitegekanywa mu ndwi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Igikorwa co kwandika abatiyandikishije ubwa mbere gitegekanywa mu ndwi (...)

Igikorwa co kwandika abatiyandikishije ubwa mbere gitegekanywa mu ndwi iza

lundi 9 Ntwarante 2015, par IGIHE

Kuva ku wa 17 gushika kuwa 19 Ntwarante uno mwaka, niho hategekanywa igikorwa co kwandika abatashoboye kwiyandikisha mw’iyandikwa rya mbere.

Umukuru w’umurwi CENI yabishikirije, mu gihe yararamutse abonana n’abaserukira umurwi CENI ku rwego rw’intara CEPI, akaba yariko abaha ubutumwa butandukanye baca bashira abarongoye imirwi ku rwego rw’amakomine naho CECI. Muri uwo mubonano, yaciye abamenyesha kandi ko intonde z’abiyandikishije zizomanikwa ku biro vy’iyandikwa nyene. Ico gikorwa rero kizokorwa n’abantu babiri.

JPEG - 45.2 ko
Petero Karaveri Ndayicariye arongoye umurwi CENI

Inyuma y’iryo manikwa ry’intonde z’abiyandikishije ,umukuru w’umurwi CENI amenyesha ko hazoca haba iyandikwa kuri bamwe bataronse akaryo ko kubikora mw’iyandikwa rya mbere. Ico gikorwa kikazobera aho ni cambere cabereye hamwe no mu buryo busa no mw’iyandikwa rya mbere. Petero Karaveri Ndayicariye yongera kwibutsa ko, Ico gikorwa kiraba gusa abarundi bataronse akaryo ko kwiyandikisha kubera imvo iyi canke iyindi.

Petero karaveri yongeye kumenyesha kandi ko, mu manama menshi bagiye bagirana n’impande zose zegwa n’ikibazo c’amatora , bumvikanye ko hobaho imirwi ihurikiyemwo bose kugira ibe nk’abarorerezi. Akabandanya avuga ko, ari co gihe ku ba CEPI co kubwira abanyamigambwe hamwe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike arabwa n’igikorwa c’amatora mu Burundi, kuba bariyumvira ishirwaho ry’iyo mirwi .


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.