Accueil > Amakuru > u Burundi > Igipolisi catanguje amatohoza ku bwicanyi bwabereye kwa Zebiya
Igipolisi catanguje amatohoza ku bwicanyi bwabereye kwa Zebiya
vendredi 15 Ntwarante 2013
Umuvugizi w’igipolisi yavuze ko hamaze gushingwa umugwi wokugira amatohoza ku bwicanyi bwabereye ku musozi Businde komine Gahombo intara ya Kayanza ahamaze kumenyekana ko haguye abantu bashika 9 abandi barenga 30 barakomereka. Hari ku munsi wa kabiri uheze aho haba imishamirano hagati y’igipolisi n’abayoboke ba Zebiya Ngendakumana avuga ko yama abonekerwa.
Eliya Bizindavyi avugira igipolisi yabanje guhoza imiryango yabuze ababo muri iyo mishamirano. Yamenyesheje ko bibabaje kubona abantu bashika 9 bahasiga ubuzima kandi ico kibanza cari carahagaritswe n’inzego z’igihugu hame n’ishengero katolika.
Yavuze ko ubushikiranganji bw’umutekano bwamaze gushiraho umugwi ujejwe kugira amatohoza kugira bimenyekane neza ingene ibintu vyagenze gushika aho igipolisi kirasa. Ni mugihe bivugwa ko muri abo bayoboke barenga 500 ba Zebiya Ngendakumana hoba harimwo abafise ibirwanisho hamwe n’inkozi z’ikibi zitari nke.
Eliya Bizindavyi yavuze ko uwuzokwagirwa n’amakosa azohanwa hisunzwe amategeko agenga igihugu. Asabba abayoboke ba Zebiya kubahiriza amategeko bakareka kuja gusengera ahantu hahagaritswe n’inzego za Reta.
Umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD nawo waciye usohora itangazo kuri ubwo bwicanyi bwabereye mu ntara ya Kayanza. Uwo mugambwe urahoza imiryango yahaburiye ababo.
Uwo mugambwe usaba ko hoba amatohoza adahengamye kugira ngo ukuri kuje ahabona kuri ubwo bwicanyi. Ayo matohoza yokwerekana neza ko inguvu zakoreshejwe n’’igipolisi zari zibereye harabwe n’izariko zikoreshwa n’abayoboke ba Zebiya Ngendakumana, umwigeme yemeza ko abonekerwa na Bikira Mariya italike 12 uko ukwezi gutashe.
Iryo tangazo ryatewe ko umukono n’umukuru w’umugambwe CNDD-FDD Pascal Nyabenda usaba abantu bose kubahiriza amategeko agenga igihugu kandi abantu bose barazwa ishinga no kugumuka bobihagarika. Uyo mugambwe usaba kandi abantu bose kureka gufatira kuri ivyo vyashitse mu gucafuza igihugu. Usaba kandi abakuru b’imigambwe bose kuraba neza kugira abanywanyi babo kutisuka mu bintu bidaha itaka igihugu, kubaha amategeko no kubaha inzego z’igihugu.
Kw’ifoto:Eliya Bizindavyi, umuvugizi w’igipolisi
Pierre Claver Niyonkuru
Messages
18 Ntwarante 2013, 03:50, par Alice Uwayo
None ubwo ivyo bintu biragoye none ko nzi Ekleziya yahagaritse ico kibanza none bari bakijayo gukora iki?canke ko na Leta yariyahashize abajejwe umutekano none bogasenga hoho barinda kwitwaza amahiri?erega rero cari igitero bategerezwa kwivuna kuko ntawusenga afise amahiri n’ibipanga,Ekleziya ikwiye kubafatira ingingo,kuko irabajejwe.
18 Ntwarante 2013, 07:04, par schadrack
nagomba kubakuza kweri kunkuru mudushiriza nasab komwobandanya kutera imbere komera