Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igiporisi kidasanzwe kijejwe kurwanya igiturire kibandanya guhasha ba (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Igiporisi kidasanzwe kijejwe kurwanya igiturire kibandanya guhasha ba (...)

Igiporisi kidasanzwe kijejwe kurwanya igiturire kibandanya guhasha ba kaboko

jeudi 21 Munyonyo 2013

Umupfasoni Angele Barumpozako arongoye igipolisi kidasanzwe kijejwe kurwanya ibiturire, amenyesha ko amadosiye ashika 878, muri ayo hakaba harimwo amadosiye akomakomeye yari yatangajwe n’umukuru w’igihigu c’Uburundi Petero Nkurunziza ku wa 1 Nzero umwaka w’2008 nka Luberski, Ruzizi, gufasha abari ku rugamba, abakozi batabaho na Interpetrole.

Uyo mupfasoni avuga ko imiriyaridi zishika 4 zimaze kurihwa mu kigega ca Reta ku bushake bw’abagirwa n’ivyo vyaha vy’ukunyotora itunga rya Reta. Barumpozako akaba amenyesha ko igikorwa c’ico giporisi kidasanzwe co guhasha ba kaboko, harimwo kugira amatohoza ku bagirwa n’ivyaha vyo kunyotora amatungo ya Reta, gukorana n’amashirahamwe mpuzamakungu arwanya igiturire n’ayo mu gihugu. Iyo rero hari uwo bafashe, bakaba baca bamushikiriza ubutungane, kugira abazwe
Barumpozako avuga kandi ko bagumiza akajisho ku butunzi bw’igihugu kugira ntibutikizwe n’abo buzigamye.

Ku bwiwe rero ibimaze kurangurwa akaba atari bike, kuko kuva mu mwaka w’2007 ico giporisi kigiye ho kimaze gukora amadosiye ashika 878, ayo akaba ari ayo bamaze gushikana muri sentare ijejwe kurwanya igiturire mu Burundi. Barumpozako akaba kandi avuga ko bakorana neza n’izindi sentare zose zo mu Burundi, n’ibisata mpuzamakungu birwanya igiturire co kimwe n’ayandi mashirahamwe yo mu Burundi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.