IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Igisagara ca Bujumbura kigiye kugaburwamwo amakomine atatu gusa

Igisagara ca Bujumbura kigiye kugaburwamwo amakomine atatu gusa

jeudi 28 Myandagaro 2014

Inama nshingamateka yaremeje ku muhingamo wo kuri uwu wa gatatu integuro y’itegeko risubiramwo ingene amakomine atunganijwe mu gisagara ca Bujumbura. Ku makomine cumi n’atatu yahora agize igisagara ca Bujumbura, ubu hazobaho amakomine atatu gusa agizwe na komine MUHA mu bumanuko, komine MUKAZA hagati mu gisagara, hamwe na komine NTAHANGWA mu burengero bw’igisagara ca Bujumbura.

Abashingamateka barashikirije amakenga bari bafise imbere y’uko iyo nteguro y’itegeko yemezwa. Karenga Ramadhani, umushingamateka wo mu mugambwe CNDD FDD, ari nawe wenyene ataco yashimye kuvuga mw’itorwa ry’iyo nteguro, yamenyesheje ko hatari bwagere ko iyo nteguro yigwa, kuko iryo bwirizwa ridasigura ingene igisagara ca Bujumbura kizobaho, amafaranga kizokoresha, n’ingene kizotwarwa. Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, ari nawe yari yagiye gusigurira abashingamateka iyo nteguro, yamenyesheje ko amakomine yose azohabwa imiriyoni amajana atanu kugira ashobore gutunganya ibikorwa (frais de fonctionnement).

Amakenga yandi kuri iyo nteguro y’itegeko hashikirijwe na Poppon Mudugu, umushingamateka yatowe mu mugambwe UPRONA. Ku bwiwe, iyo nteguro y’itegeko izozana impari mu bihe vy’amatora, ku bijanye n’ivyiyumviro vy’imigambwe. Umushikiranganji Edouard Nduwimana yishuye ahubwo ko iyo nteguro ije gutorera inyishu ikibazo c’ivyazanywe n’intambara Uburundi buhitiyemwo, aho usanga hari ubwoko bumwe bwiharije ikomine imwe, ukamenga ubundi ntibwohaba. Amakomine amaze kuja hamwe, amako yose akaba azoshobora kubana. Ku kindi kibazo c’umushingamateka Poppon Mudugu, ko mu matora amajwi y’imigambwe azosanzara kuko yahora aboneka bivanye n’amakomine, Edouard Nduwimana yasiguye ko abazotora baguma ari ba bandi nyene, kandi n’amajwi yabo bazoyimukana mu makomine bazoba begukira.

Iyo nteguro y’itegeko risubiramwo ingene amakomine atunganijwe, rikongera rigatanga ubwigenge kuri ayo makomine, ryemejwe n’abashingamateka 98 kuri 99 bari bitavye ivyo bikorwa, Karenga Ramadhani wo mu mugambwe CNDD FDD akaba ariwe atashimye kugira ico abivuzeko. Amakomine yo mu gisagara ca Bujumbura agiye kuba atatu, ariyo komine Muha izoba igizwe na Kanyosha, Kinindo na Musaga. Umurwa mukuru wayo azoba ari Kanyosha. Komine Mukaza izoba igizwe na Nyakabiga, Rohero, Buyenzi na Bwiza. Umurwa mukuru uzoba uri muri Rohero. Komine Ntahangwa izoba igizwe na Cibitoke, Kamenge, Gihosha, Ngagara, Kinama na Buterere. Umurwa mukuru uzoba uri mu Kamenge.

Iyo nteguro y’itegeko igiye guha ubwigenge amakomine yo mu gisagara ca Bujumbura, ariko ikaba izogabanya ubutegetsi umukuru w’igisagara ca Bujumbura yahora afise, n’amafaranga y’ugutunganya ibikorwa igisagara ca Bujumbura cahora gihabwa agiye kugabanuka, ave ku miriyaridi 11 aje ku miriyoni amajana icenda gusa.

Ntiturashobora kumenya namba ivyahora bikorerwa mu makomine nk’ukwandikwa kw’abageni, ukwandika abapfuye n’abavutse, imanza zahora ziciribwa muma sentare y’intango y’amakomine n’ibindi, vyahora bikorerwa muri izo komine zigiye guhinduka amazone, bigiye kujanwa muri ayo makomine mashasha. Mu nama nshingamateka bamenyesha ko ivyo bishobora kuzoshirwa mu mpinyanyuro zizokorwa n’inama nkenguzamateka. Tubamenyeshe ko mu matora yo mu mwaka w’2015, iyo nteguro y’ukugira amakomine atatu ariyo MUHA, MUKAZA na NTAHANGWA izoba yamaze gutangura gushirwa mu ngiro.


Egide Nduwimana

Messages

  • Jewe ndumva iyo nteguro y’itegeko ari nziza. Ahubwo bakomereze no mu ntara bazigabanye zibe nka 5 canke 6 gusa. Amacakubiri y’untara agabanuke kuko nayo aragisibije.

  • Ivyo bintu numva ari vyiza ariko rero commune Ntahangwa numva bari bakwiye kuyigabannyamwo kabiri kuko numva ari nini cane. Bari gufata nka Cibitoke, kinama na Buterere bikaba imwe hanyuma Ngagara Kamenge na Gihosha bikaba iyindi.

  • Ni vyiza cane bari baratevye kubikora. Ahubwo n’igisagara bakomeze bacagure kibe kinini kurushaho. Kinama ize mu gisagara ca Buja. Barabe n’ahandi hoshirwa mu gisagara kuko bituma abanyagihugu baho batera imbere. Intara zigabanuke kuko navyo bituma amacakubiri ashingiye kuturere n’intara avaho. Imana ihe umugisha abayobozi b’igihugu n’abarundi bosi.

  • aho DD yatwariye yagiye yakora ibishimwa nanje ndabishigikiye naho tutari kumwe nayo.

  • Ntabw’aribibi, kugabanya ayo makomine ariko bajebaraba ocupation zabahoze ari aba kuru bama karitiye,naba musitanteri,nabandi basanzwe barangurira amabanga yabo mumakomine,hanyuma hagabanywe nama provence uburundi bwubakwe kumugaragaro.

  • Turacaraba iciza bizozana ??? tUZOBIVUGAKO HANYUMA.

  • ese mwarihe mwarimwadutebeye ikindi intara zomugihugu hagati zigabanywe zibe 6

  • nukuri bari baratevy kuuko twaresha uburyo bwinshi muga akarusho kavyo kazobonek kuko natw tugiy gukomeregwa ningendo

  • Nivyiza cane gose turabishimye nihakorwe icigwa kindi cokuvanga intara hasigare 3 gusa nininini,hama habe n’imirwa mikuru yazo.kandi imigambwe yose itazoshikana abashingamateka 3 mumatora ya 2015 izoce ifutwa burundu.Eduard NDUWIMANA bikore vuba imbere y’amatora.

  • Harihahonasomye nsangahavugako bobabiganye Urwanda, ivyonivyiza kukohariho ivyotwokwigana ku Rwanda kandi nkuko nu Rwanda hariho ivyorwokwigana ku Burundi. Nubworero ikibazocokugabanya igitigiri cama komine agize intaraya Bujumbura aricizacane,ariko muvuzeko mwiganye u Rwanda jewe sinobatahura cane kuko urwanda mukubigira nukobari batekeje abarikubafasha kuyobora igihugu abandinabo bahondaguwe ubufuni abandibatawe munzuzi, abandi batabwa mumagereza bacababonako kugumizaho ama Commune yose batoronka aboyayobora ariko hakabaho nikindi cogushaka guhindura amazina yibintuvyose vabayeho mugihe cintwaro zabanzirije FPR murabiziko bahereye kwidarapo yigihugu! ngukwo uko itandukaniro mworibona hagati yivyu Rwanda nu Burundi, mwibukerero ko twebwe mu Burundi ntawatekeje uyundi abaribahanganye barumvikanye maze bumvikana kuzosangira duke u Burundi busanzwe bufise hakotwoguma tumarana. Twebwerero nkabarundi turabashimiye kubwicogikorwamwakoze mberemugikomereze nomuzidintara zose mbere mumaguru mashasha kugira tumenyere icarimwe ama Commune igihugucacu gisigaye gifise, bishobotse nintara muzigabanye kurugero rwa 1/2 dusigarane nka 8 canke 9 yarintererano nariko ndaterera abategetsi bigihugu canje nkunda kikampimara kandinabonyene ndabakunda kandibakampimbarara murakaramba. Yari Mama.

  • Asha ariko aba DD ninde abibiye ibanga ryo kugabanya ayo ma commune konzi bose ari aba debire.

  • Ico ciyuimviro niciza, Ariko nuko atari aciwabo .Ico bakoze ni integuro ya FNL biganye.

  • ivyosivyo yobagumiza ayo cum natatu murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.