Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igisata c’ubutungane kimwe mu vyateye iceyi Uburundi mu kurya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Igisata c’ubutungane kimwe mu vyateye iceyi Uburundi mu kurya (...)

Igisata c’ubutungane kimwe mu vyateye iceyi Uburundi mu kurya ibiturire

mercredi 4 Kigarama 2013

Igisata c’igiporisi co ku mabarabara, ubutungane no mu gisata c’amatongo, ni vyo bisata bitwara ibendera mu Burundi mu kurya igiturire nk’uko vyashikirijwe na Transparance international, aho yashikirije icegeranyo ku bihugu 177 vyagizweko amatohoza.

Icegeranyo catangiwe mu gihugu c’Urwanda, Uburundi bwatwaye ikibanza c’157 kuri ivyo bihugu 177 vyagizweko amatohoza, gica gitwara ibendera mu karere k’ibihugu biri muri Afrika y’Ubuseruko mukurya igiturire, hakurikira Ubuganda, hanyuma Kenya. Ibisata bitungwa agatoke ko vyiraye mu Burundi mu kurya igiturire akaba ari mu giporisi co ku mabarabara, ubutungane hamwe no mu gisata co gutanga amatongo mu Burundi.

Bamwe mu bakurikiranira hafi ibijanye n’inzego zimwe zimwe zirya ibiturire, bakaba batangazwa n’ingene hari inzego zimwe zimwe zirya ibiturire zitwaje ubuzi zirangura, zikanka gutunganiriza abanyagihugu baba bajejwe gutunganiriza. Akarorero, akaba ari abaporisi baka ibiturire abagendesha imiduga, bakayireka, ikabandanya urugendo idakwije ivya ngombwa.

Uburundi rero ngo bwofatira ku karorero k’igihugu c’Urwanda mu guhasha ba kaboko, kuko muri ico gihugu, abaporisi bashika 30 birukanywe bazira kuba barafashwe bariko barya igiturire. Ico gihugu rero gisanzwe kirikumwe n’Uburundi mu muryango w’Afrika y’Ubuseruko, kikaba caje ku mwanya wa 49 mu bihugu birya ibiturire, nayo Somaliya, iza ku mwanya wa nyuma w’177 mu kurya ibiturire.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.