Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igiteramo c’umwiteguro w’igice ca nyuma c’ihiganwa rya Primusic - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Igiteramo c’umwiteguro w’igice ca nyuma c’ihiganwa rya Primusic

Igiteramo c’umwiteguro w’igice ca nyuma c’ihiganwa rya Primusic

samedi 7 Nyakanga 2013

Abaririmvyi 6 basigaye mw’ihiganwa rya Primusic bateguriwe igiteramo mu ntumbero yo kwereka abakunzi babo ubuhinga bwabo bwo kuririmba hamwe no kwerekana ivyo bakuye mu nyigisho bamaze iminsi bahabwa.

Baririmvyiba 6 basigaye mw’ihiganwa Primusic bateguye kuremesha igiteramo kuri uyu w’Imana. Intumbero yico giteramo kizobera kuri COCKAIL BEACH akaba ari iyo kwereka abakunzi babo aho ubumenyi bwo kuririmba bwabo bugeze inyuma y’inyigisho bamaze mwo iminsi. Inyigisho bahawe n’umuhinga mu kuririmba, Denise Gordon akomoka muri Amerika. Ico giteramo kikaba gitunganijwe n’abatunganya ihiganwa rya Primusic.

JPEG - 44.8 ko
Abasigaye mw’ihiganwa Primusic

Ikindi ico giteramo kigamije ni uguhimiriza abakunzi babo baririmvyo 6 kubandanya babatora mu buryo bw’ubutumwa bugufi hakoreshejwe terefone ngendanwa. Ngo ni nakaryo keza ko kwitegurira mu nyifato bazogira mu gice ca nyuma c’ihiganwa Primusic kizoba kuwa 14 Nyakanga. Ico giteramo kikazoba kandi kiremeshejwe n’abaserukizi (ambassadeurs) b’ihiganwa rya Primusic. Aba nabo ni Big Fizzo, Sat-b hamwe na Rally- Joe. Twokwibutsa ko bazoba baje gufata mu mugongo aba bakurikira: Samantha, El Pedro , Gaby, Patient , Olga na Christian, aribo basigaye mw’ihiganwa.


SENUREBE Joel

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.