Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igiteramo ca Justin Bieber muri Oman cahagaritswe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Igiteramo ca Justin Bieber muri Oman cahagaritswe

Igiteramo ca Justin Bieber muri Oman cahagaritswe

vendredi 19 Ndamukiza 2013

Igiteramo umuririmvyi Justin Bieber yari afise muri Oman, carahagaritswe gitIurumbuka kubera imyifato mbi y’uwo muririmvyi.

Nk’uko vyatangajwe n’ikinyamakuru DailyStar, bavuga ko ubuyobozi bw’intango bwo muri Oman, aribwo bwaciye buhagarika ico giteramwo kubera imyifato mbi ya Bieber idahuye na gatoyi n’ukwemera kw’abasenga mw’idini ya isilamu.

Umwe mu barongozi bo muri Oman, ari naho Justin yagomba kuzoririmbira, yagize ati, “Turababajwe no kubabwira ko igiteramo ca Justin Bieber muri Oman kitazoba kuko vyasabwe n’uburongozi bw’intango muri Islam.
Imvo ni kubera uwo muririmvyi akunda kwiyambika ubusa hejuru kandi abayisilamu bo bakaba bavyanka cane kuko bidahuye n’ukwemera kwabo.

Mu gace Justin Bieber yari yateguruye kuririmbiramwo, abahaba benshi ni abayisilamu kandi ntibatahura ingene uwo musore yitwara ari navyo vyatumye uburongozi bwaho bubonako ico giteramwo gishobora kuba intandaro yo guhungabana kw’umutekano.

Ubuyobozi bw’intango ntibushaka ko Justin Bieber ahonyora ku butaka bwabo kubera ukuntu akunda kwiyambika ubusa igice co hejuru, bikaba vyohava vyonona urwaruka rwabo cane cane abakobwa.


Joel Sengurebe

Portfolio

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.