Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igiteramo ca Rally Joe, Sat-b, 2ten na Black-g abacitabiriye baza nk’ima ryo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Igiteramo ca Rally Joe, Sat-b, 2ten na Black-g abacitabiriye baza nk’ima ryo (...)

Igiteramo ca Rally Joe, Sat-b, 2ten na Black-g abacitabiriye baza nk’ima ryo muri serumu

lundi 16 Kigarama 2013

Haheze indwi zibiri n’iminsi tubamenyesheje igiteramo citiriwe kurwanya ikiza ruhonyanganda sida no kurwanya ibiyayura mutwe ku civugo “Turwanye sida n’ibiyayura mutwe”, aho cari categuwe na bamwe mu baririmvyi bo mu Burundi, ariko kikaba kitagenze nk’uko abagiteguye bavyipfuje.

Nkuko igiteramo categekanijwe kubera mu kigo c’ishuri “sos” kiri mu Kamenge, vyari bitegekanijwe ko gitangura isaha zine z’igitondo (10h00) nk’uko umwe mu bari kuremesha ico giteramo yabitubariye. Kuri iyo saha, haboneka abariko bategura ikibanza, uwuvuza umuziki ariko atunganya amajwi, ikibanza c’iteka cari caheze gutegurwa, abari baje kudandaza canke kumenyekanisha ivyo bakora bari bamaze kwipanga.

Nk’igihe c’isaha zitandatu (12h 00) abagurisha ama tike bari bamaze kwicara barindiriye abaza kugura, ariko abantu baza kurya kw’ima rya serum. Bamwe binjira abandi basohoka. Abari baje kudandaza batangura kurambirwa, abariko bandaza ivyo kurya batangura kuvyihereza kuko nabo nyene, inzara yari ibageze aho umwansi ashaka, narirya kuva mu gatondo bari aho, Umuhingamo nawo uriko uhamagara umugoroba. Mu kibanza citeka caragaragara. Uko amasaha yiterera n’iko haboneka abantu bake bake binjira.

Umuryosha giteramo yatanguye kumenyesha ko igiteramo kiba ukuri kwamye, abaraho bamaze kwihebura kuko vyavurwa ko kirangira igihe c’isaha icumi na zibiri z’umuhingamo (18h 30). Hirya no hino, abantu babazanya igituma igiteramo c’ibihangange nka Rally Joe, Sat-b, 2ten na Black-g, cobura abacitabirira kandi ari abaririmvyi bakunzwe cane i Burundi eka no mu makungu, bamwe n’abandi bakibwira ko vyoba vyatumwe n’amasaha y’igiteramo ataramenyerewe, abandi bakibaza ko ari ubukene buri mu banyagihugu, eka ibibazo vyari vyinshi.

Abateguye ico giteramo bamaze kubibona ukwo, basavye ko abaririmvyi baraho botangura kuririmba mu kurindira ko birya bihangange bishika. Harabonetse imirwi y’abaririmvyi bariko batera imbere, akarorero n’umurwi witwa “Nice Family”, uwo murwi warashoboye kuvyifatamwo neza. Hagati mu ndirimbo z’imirwi, Innocent Valentin, umuryosha giteramo yaza abaza utubazo ku bijanye no kwirinda sida n’ibiyayura mutwe, uwutoye ikibazo akaronswa ico anywa, uwo nyene yararemesha avuga ko igiteramo nyezina kigira gitangure. Umuririmvyi wo mu bwoko bw’abatwa, aba mu ntara ya Kayanza, batazira Fit nice yarabiciye biracika eka n’abandi bose bagiye baca ku ruhimbi baririmbirako baribagije abahazindutse uburuhe bagize baririndiye ico giteramo.

Gushika igihe c’isaha imwe n’igice z’ijoro (19h 30), abantu bari bake, ariko baguma biyongera naho Rally Joe, Sat-b, 2ten na Black-g, atanumwe yari bwahonyoze ikirenge ku ruhimbi baririmbirako. Eka abo twashoboye kuvugana, bakaba bagiye barijogota, kubona batanze ibihumbi vyabo bitatu, maze bagataha batiboneye Rally Joe, Sat-b, 2ten na Black-g.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.