Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igitoro caduze igiciro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Igitoro caduze igiciro

Igitoro caduze igiciro

mardi 12 Ntwarante 2013

Ubushikiranganji bw’ubudandaji bwafashe ingingo yo kuduza igiciro c’igitoro. Essence yongeweko amafaranga 50 FBU kw’ilitito imwe, Amazutu ntiyaduze igiciro hanyuma Petrole yadugijwe amafaranga 10 FBU kw’ilitiro imwe. Ishirahamwe ry’abaguzi riravyiyamiriza.

Ingingo yo kuduza igiciro c’igitoro yasohotse ku munsi wa gatandatu uheze italike 10 Ntwarante uyu mwaka. Ubushikiranganji bw’ubudandaji bumenyesha ko ilitiro imwe ya Essence yavuye ku mafaranga 2150 FBU ija ku mafaranga 2200 FBU. Amazutu ntiyongewe ko igiciro ariko ilitiro ya Petrol yavuye ku mafaranga 2030 FBU ija ku mafaranga 2040 FBU.

Umuvugizi w’ubushikiranganji w’ubudandaji Dismas Baradandikanya asigurako ibiciro vy’igitoro vyaduze kw’isoko mpuzamakungu. Ngo nico gituma no mu Burundi igiciro caciye kiduzwa. Amenyesha ko mu gihe kw’isoko mpuzamakungu igiciro c’igitoro cogabanuka, ngo nta nkeka n’ubushikiranganji bwoca bugabanya igiciro.

Yamenyesheje ko ikigega c’integabizoza cahora kijejwe gusahirirza iyo ibitoro bikenye kugira ntibiduge igiciro mu Burundi atakikiriho. Ngo Leta yaracikozeko ntamafaranga kigifise.

Mundwi iheze, hari hibonekeje ubukene bw’igitoro mu gihugu cose cane cane mu gisagara ca Bujumbura. Ubushikiranganji bwari bwasiguye ko vyatumye n’uko ifaranga ry’u Burundi ryataye agaciro hanyuma idolari rikaduga cane. Bwari bwavuze kandi ko igiciro kidashobora kuduga vuba. Ahubwo ko mugihe idolari ryogabanuka igiciro igitoro kizoca kiboneka ku ma station yose ariko siko vyagenze.

Ishirahamwe ry’abaguzi ABUCO rimenyesha ko iduzwa ry’igiciro ku gitoro ari umurengera. Umuvugizi wa ABUCO Pierre Nduwayo avuga ko atakuja inama n’ingingo vyabayemwo kuko ubushikiranganji bw’ubudandaji butagishije inama abo vyega bose kugira igiciro c’igitoro kiduge.

Pierre Nduwayo asigura ko n’ibindi bidandazwa bisanzwe bica biduga igiciro kubera igitoro. Asaba ko iyo ngendo yo kuduza ibiciro yohagarara kuko ituma ubukene mu banyagihugu buba ndanse.

Mu mezi atashika atandatu, igitoro kiduze igiciro gatatu kose. Abadandaza ibitoro bamenyesha ko Leta iduza amakori n’amatagisi hanyuma nabo bagaca baduza igiciro c’igitoro kugira ntibakore bahomba.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.