IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > igitoro casubiye kuboneka

igitoro casubiye kuboneka

jeudi 7 Ntwarante 2013

Mu gisagara ca Bujumbura nta ngorane y’igitoro ikihari. Kuko kuva kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 5 Ntwarante umwaka w’2013, mu masaha yo ku mugoroba, niho ama Stations nka yose yaronswa igitoro.

Ni ukuvuga rero yuko gushika kuruyu wa gatatu igenekerezo rya 6 Ntwarante, igitoro catangwa ukuri kwamye ata kubura canke kurinda gutonda umurongo nk’uko vyari bimaze iminsi bimeze.

Mu ma Stations asanzwe atanga igitoro mu gisagara ca Bujumbura twashoboye kugendera, twasanze hafi nka yose afise igitoro gikwiye . Aha twovuga nka station Kobil, station Engen, station King Star n’ayandi. Akamwemwe rero ni kenshi ku banyagihugu kuko bari bibaza ko buca baduza igiciro c’igitoro; ivyo bikaba vyari guca bituma n’ibindi bintu biduga ibiciro nk’uko bikunda kwibonekeza iyo badugije ibiciro vy’igitoro .

JPEG - 12.4 ko

Ikindi canejereje abanyagihugu ngo nuko ata ngorane bazosubira kugira mu kwiyunguruza, kuko mu minsi iheze haraho baronka imodoka bigoranye ivyo bikaba vyahora bituma imirimo yabo ya minsi yose itagenda neza.

Baba abagura igitoro ,baba abakigurisha, ngo barizeye ko ibintu bigiye gusubira mu buryo


Nsengiyumva Jean Paul

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.