Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igitoro ntikiraboneka n’aho ubushikiranganji bw’ubudandaji bwari bwijeje (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Igitoro ntikiraboneka n’aho ubushikiranganji bw’ubudandaji bwari bwijeje (...)

Igitoro ntikiraboneka n’aho ubushikiranganji bw’ubudandaji bwari bwijeje abarundi

lundi 13 Ndamukiza 2015, par IGIHE

Ikibazo c’igitoro ntikiratorerwa umuti n’aho ubushikiranganji bw’ubudandaji, amahinguriro, amaposita n’ingenzi, bwari bwijeje ko mu mpera y’ino ndwi twaraye turangije kizoba cabonetse.

N’aho ubushikiranganji bw’ubudandaji bwatangaje ko igitoro kigiye gusubira kuboneka mu mpera z’indwi turangije, mbere bukaba bwari bwijeje ko kuri uno wa mbere kizoba casubiye kuboneka neza, n’ubu kiracari umuzi w’ibuye aho kidandarizwa hatandukanye mu gisagara ca Bujumbura, hamwe no mu ntara za ruguru. Aho twaciye hamwe hamwe ,bamwe mu bafise imiduga basize bayitondekesheje kugira nicashobora kuboneka bashikirwe.

Zimwe mu nsiguro zari zatanzwe n’ubwo bushikiranganji bavuga ko vyatumwe n’uturuhuko twa pasika twabaye tureture, bigatuma abasanzwe bakirangura bataronka ivyo bakeneye vyose mu bihugu basanzwe bacamwo.

Mw’ibanki nkuru y’igihugu bavuga ko hatari hakwiye kuba ikena ry’igitoro mu gihugu, kuko igitoro gihari coshika mu kwezi kwa Mukakaro canke Myandagaro. N’amafaranga y’agaciro bavuga ko ahari, akwiye nk’uko uwusanzwe arongoye ibanki nkuru y’igihugu Yohani Ciza yabishikirije mu ndwi iheze, n’aho bamwe bamwe mu bategetsi bo muri Reta basigura ko yoba ari ingorane y’amafaranga y’agaciro.

Tubibutse ko abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bahurikiye muri rwa rugamba rwishinze kurwanya ubuzima buzimvye bari batanguye ibiganiro na Reta, tukaba turiko tubarondera kugira abanyagihugu bamenye, aho ivyo biganiro vyoba bigeze nico vyoba vyaravyaye.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.