Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igiturire ni « nk’indwara ya kanseri ibuza iterambere mu vy’ubutunzi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Igiturire ni « nk’indwara ya kanseri ibuza iterambere mu vy’ubutunzi (...)

Igiturire ni « nk’indwara ya kanseri ibuza iterambere mu vy’ubutunzi »

mardi 30 Mukakaro 2013

Kutagira ishaka mu kurwanya igiturire muri Afrika y’ubuseruko ni ingorane ku kungene imyiyamamazo itangirwa uburyo mu matora. Ivyo vyavugiwe mu nama ya kane iba rimwe mu mwaka y’ibihugu bisanzwe biri mu muryango wa Afrika y’ubuseruko (CAE) yari yatunganijwe i Kigali mu gihugu c’u Rwanda.

Ku vyavuzwe muri iyo nama, ayo mahera atangwa aho bitagenewe atuma haba ka mwana wa mama mu gutanga ubuzi mu bibanza bizwi hamwe no mu gutanga amasoko.

Iyo nama yari ihuje abaje bava mu bisata bitandukanye, ivya Leta n’ivyigenga, mu guteza imbere intwaro ibereye mu muryango uhurikiyemwo ibihugu vyo mu buseruko yo muri Afrika. iyo nama yari ifise icivugo, « Kwongerereza inguvu mu kurwanya igiturire kugira bashigikire kwinjira mu karere."

Abari bitavye iyo nama barasavye abategetsi muvya politike biciye muri Afrika y’ubuseruko ko boba akarorero mu kurwanya ibiturire mu gushira mu ngiro intwaro ibereye no kwemera kubazwa ivyo bakoze, gukorera ku mugaragaro, gukora ibitunganye bakareka kuja mu bitabereye.

Muri iyo nama, harasabwe kandi ko amategeko arwanya ibiturire mu karere yotunganywa neza mu gushiramwo uruhara rwa politike. Ikindi naco, vyaragaragaye ko inkurikizi mbi zivuye ku biturire zibonekeza cane kuri ba ntahonikora, ku bakenyezi, ku bana no ku bakene mu kibano. « Kugira dushike kw’ihangiro ya Afrika y’ubuseruko itunze, ishize hamwe no muvya politike, abo vyega bose bakwiye gushigikira amategeko yo gukorera ku mugaragaro no guharanira gukora ibijanye n’uburungozi nyakuri », ivyo ni ivyashikirijwe n’abarongoye abandi muri iyo nama.

Abari baje muri iyo nama yari yatunganijwe na CAE (Communauté Est Africaine) bararonse akaryo ko kubaza ibibazo nyamukuru bijanye n’intwaro ibereye iraba ivyo kwinjira mu karere ka Afrika y’ubuseruko. Bakaba baranashikirije n’ivyokorwa kugira igisata c’intwaro ibereye gitezwe imbere.

Mw’ijambo ryiwe yashikirije ryo kutanguza iyo nama, Rose Mukantabana, umukuru w’inama nshingamateka mu gihugu c’Urwanda, yaremeje ko ibiturire ari « nk’indwara ya kanseri ibuza iterambere muvy’ubutunzi». Yarashimye ibikorwa n’inama nshikiranganji ku ngingo bafashe kugira bateze imbere amategeko ntegekanyabikorwa vya CAE ku bijanye n’intwaro ibereye, ku kwirinda no kurwanya ibiturire.

Abari bitavye iyo nama nabo, bakaba baraganiriye ku ruhara rw’imico n’imigenzo, ukungene amategeko yubahirizwa kuko ari ibimenyetso nyamukuru bituma haba ibiturire. Barongeye baravuga ko hakwiye gusubirwamwo kwiga amategeko mpanavyaha kugira bahane amakosa akomeye akorwa mu ntumbero yo gushira ivyaha vyo kugira ibiturire mu bintu atari ivyo gufyinako.

Umushikiranganji w’ubutungane wo mu gihugu ca Tanzaniye, Mathew Chikawe yavuze ko ibiturire bikorwa mu buryo bwinshi, kubw’ivyo, harakenewe gushirwaho ihangiro n’urutonde rumwe ngenderwako mu bisata bitandukanye vya Leta hamwe n’abandi vyega, kugira barwanye bimwe bishoboka ico kiza.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.