Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ihayanishwa rigira kabiri rijanye n’ubuhinga bwa none rigiye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Ihayanishwa rigira kabiri rijanye n’ubuhinga bwa none rigiye (...)

Ihayanishwa rigira kabiri rijanye n’ubuhinga bwa none rigiye gutangura

jeudi 10 Mukakaro 2014

Amashirahamwe atatu ariyo GLICE Burundi, Academia Network hamwe na Burundi ECO yatunganije ihayanishwa rigira kabiri rijanye n’ubuhinga bwa none mu Burundi. Muri iryo hayanishwa bakazoshimikira ku ruhara rw’ubwo buhinga bwa none mw’iterambere rirama.

Ihayanishwa rigira kabiri rijanye n’ubuhinga bwa none bise ihuriro mu vyerekeye ubuhinga bwa none "Forum de l’informatique et de la Technologie de Bujumbura (FITB) rigiye gutangura. Iryo huriro rikaba riha akaryo amashirahamwe atandukanye akoresha, adandaza canke akongera agafasha mu vyerekeye guteza imbere ubuhinga bwa none mu Burundi, kugira berekane ico ashoboye. Nk’uko bimenyeshwa na Léonard Rumonge arongoye ishirahamwe Academia Network, ubuhinga bwa none burahambaye gose kuko bufasha ibitari bike harimwo n’ukuzamura ubutunzi bw’igihugu, mu gisata c’amagara y’abantu, imibano, urudandazwa, inyigisho n’ibindi. Mu bihugu vyo hanze y’Uburundi, amashirahamwe yabaye rurangiranwa menshi n’uko yakoresheje ubwo buhinga bwa none.

JPEG - 1.2 Mo
Léonard Rumonge arongoye ishirahamwe Academia Network

Ayo mashirahamwe uko ari atatu amenyesha ko yiteze ibitari bike muri iryo hayanishwa kuko abarundi benshi bazobona y’uko ico gisata c’ubuhinga bwa none kiriho mu Burundi. Abo bose bakorera muri ico gisata bazoba baronse akaryo ko gusigura ingene ubwo buhinga bukora. Biteze kandi ko ibitaraja mu ngiro muri ico gisata, ababishinzwe bazoca biga ingene babishira mu ngiro nk’uko Léonard Rumonge abishikiriza.

Tubamenyeshe ko iryo hayanishwa rigira kabiri rizobera mu nyubakwa ry’ishure Stella Matutina, hakaba hategekanijwe ibibanza (stands) 70. Muri uno mwaka hategekanijwe ibikorwa bitandukanye guhera kw’igenekerezo rya 15 Mukakaro, hakazoba ikiganiro (conférence Débat) kizoba gifatiye ku civugo c’uno mwaka uko ubuhinga bwa none buterera mw’iterambere rirama. Hari n’inyigisho zizotangwa ku buntu ku banyeshure 40, bakazofatira ku rwaruka rubishoboye rwahejejeje amashure yisumbuye, abariko barondera akazi kugira mu gihe bazoba bariko barondera akazi baze berekane icongeyeko, bakazokwigishwa ivyigwa bijanye n’ubuhinga bwa none (Web Design hamwe na Graphisme. Guhera kw’igenekerezo rya 4 gushika kurya 8 Myandagaro akaba ariho hategekanijwe ihayanishwa nyezina rizorangira kuwa 8 Myandagaro, aho bazotanga ubushimwe ku bibanza (stands) bitatu bizoba vyarushije ibindi, batatu mu banyamitahe bakiri bato, hamwe n’amashirahamwe atatu azoba yerekanye ibidandazwa vyiza kurusha abandi.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.