Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ihayanishwa ry’ivyerekeye ubuhinga bwa none rirashimisha bose - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Ihayanishwa ry’ivyerekeye ubuhinga bwa none rirashimisha bose

Ihayanishwa ry’ivyerekeye ubuhinga bwa none rirashimisha bose

mercredi 2 Gitugutu 2013

Ihayanishwa ry’ibijanye n’ubuhinga bwa none rigeze ku munsi waryo wa kabiri. Abantu baritaba iryo hayanishwa. Abenshi baza kuratira ijisho barashimishwa n’ivyo bahasanga. Abariko bakorera mu tuzu tw’iratiro tw’amashirahamwe atandukanye nabo nyene barashima.

Ihayanishwa ry’ivyerekeye ubuhinga bwa none rigeze ku munsi waryo wa kabiri. Ibibanza bimwe bimwe bitaribwajemwo amashirahamwe arata ivyo baha abakiriya babo birahaye biruzura. Uruja n’uruza rw’abantu baza kuraba ibiriko biraratwa ruriyongera nkuko vyibonekeza. Ndetse nkuko tubimenyeshwa n’abakora mu mashirahamwe atandukanye y’itavye iryo hayanaishwa, abantu baritaba cane iryo hayanishwa. “Uko amasaha yegereza umusase, abantu baza kuraba ivyo turiko turerekana bararwira. Ivyo rero natwe biraduhimbara”, uko niko ubo twasanze mu kibanza ca Base International Web bagize.

JPEG - 59 ko
Nziza Franck, umunyeshuri wo muri UB

Ku ruhande rw’abaza kuraba, bakanagura ibihayanishwa, nabo barashima umuzo w’ihayanishwa nkiryo. Nziza Franck, umunyeshuri muri kaminuza y’igihugu c’Uburundi , umwe mubo twavuganiriye yari kuratira ijisho ivyaraho yagize ati: “Iki ciyumviro c’iri hayanishwa ni ciza cane gose. Uretse ko ari n’imbonekarimwe mu Burundi, ni n’akaryo keza ko kubona ibuhinga bwa none buhari mu Burundi, gutyo umuntu akabukoresha. Kuko imbere yo gukoresha ikintu, umuntu abanza kumenyako kinabaho aho aherereye”. Ivyo uwo munyeshuri wo muri kaminuza abihurizako n’abandi twansanze muri ico kibanza kiriko kiberamwo iryo hayanishwa.

Abandi bagize ico bavuga kuri iryo hayanishwa bavuga ko bahamenyeye vyinshi, na cane cane ubuhinga bushasha batari baziko ko buriho mu Burundi. Aha twokwibutsa ko, ukumenyesha abantu ubuhinga bwa none buri mu Burundi hamwe no gutumirira urwaruka kwitaho no guteza imbere ico gisata arizo ntumbero nyamukuru nkuko twabibwiwe na Rumonge Léonard hamwe Roger Ouedraogo, abatunganije iryo hayanishwa aho iryi hayanishwa ryatangura.

Iryo hayanishwa ry’ibijanye n’ubuhinga bwa none ryatanguye ejo hahise kw’igenekerezo rya 1 Gitugutu. Ni irya mbere ribaye mu Burundi. Ryitabwe n’amashirahamwe atandukanye akorera mu bijanye n’ubuhinga bwa none. Iryo hayanishwa rizorangira kw’igenekerezo ry’7 Gitugutu uyu mwaka.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.