IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ihimbazwa ry’imyaka 51 Uburundi bumaze bwikukiye

Ihimbazwa ry’imyaka 51 Uburundi bumaze bwikukiye

lundi 1er Mukakaro 2013

Mu gihugu c’Uburundi, kuri uno musi wa mbere igenekerezo rya 1 Mukakaro 2013 baramutse bahimbaza imyaka mirongo itanu n’umwe Uburundi bumaze bwikukiye, umusi wari urindiranwe igishika, inyuma y’imyiteguro yari imaze imisi, haba ugusukura igisagara canke imyiteguro y’abasirikare bakoroka mu ndege n’abandi barekanye utugenegene.

Nk’uko bisanzwe, ibirori vyatangujwe n’ukwunamira hamwe n’ugushira ingori z’amashurwe ku ntatemwa y’umuhisi Rudoviko Rwagasore yiguze Uburundi mu kuburonderera intahe y’ukwikukira.

Ibirori nyamukuru vyabandanirije ku barabara ryitiriwe ukwikukira, bikaba vyari vyitabwe n’abanyecubahiro batari bake harimwo n’abakuru b’ibihugu bibanyi, nk’umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame n’umukuru w’igihugu ca Kenya Uhuru Kenyatta bashitse mu gatondo ko kuri uno musi wa mbere baje gushigikira abarundi, ivyo bikagaragaza imigenderanire myiza iri hagati y’ivyo bihugu bisanzwe bihurikiye mu karere ka Afrika y’ubuseruko.

Abanyagihugu bari bitavye ivyo birori vyaboneka ko bari bahimbawe, abakozi ba Leta nabo bakaba bari bashajije. Abo twashoboye kuganira bakaba bamenyesheje ko intahe y’ukwikukira ari intsinzi ikomeye cane ku gihugu kuko ariyo yasubije ijambo abenegihugu, bava mu ntwaro y’abanyamahanga, bifatira inzira y’intwaro z’abategetsi bitorewe n’abanyagihugu.

Mw’ijambo nyamukuru ry’uno musi, umukuru w’igihugu c”Uburundi nyenicubahiro umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza yahamagariye abarundi bose gukunda igihugu. Ivyo navyo bigasigura ko umwe wese yokwumva kandi akagaragaza akanyamuneza ko kwitwa umurundi, aho agiye hose agahagararira inyungu n’iteka vy’igihugu, akama yiteze kugikorera no kukirwanira gitewe, vyumvikana ko no kucigura yocigura. Gutyo rero, umwe wese yoba yeretse amakungu ko iyo ntahe yo kwikukiwa twayironse tuyinyotewe kandi ko tutarota iduca mu myanya y’intoke.

Hisunzwe icivugo cari catowe kivuga giti : “Umwaka wa mbere inyuma ya yubire, utubere intango nshasha mu kubungabunga intahe y’ukwikukira n’iragi rya Rwagasore”, umukuru w’igihugu yabandanije amenyesha abanyagihugu ko hagiye kuza haratunganywa umusi mukuru wa Komine, kugira ababa n’abavuka mw’ikomine bahure, bayage, bashime canke bagaye, banegure ivyaranguwe, gutyo bigire inama y’ico bagiye gukora. Ivyo navyo bikazotuma abantu basubira kwibukana, bibuke ico bamariraniye, urukundo rukomere, maze have ca kinogo catandukanya abize n’abatize. Ikindi naco, ni uko imisi mikuru y’igihugu nk’uwo kwikukira igiye kwama nayo nyene ihimbarizwa mu makomine, gurtyo isubire kugira akanovera.

Petero Nkurunziza umukuru w’igihugu c’Uburundi yasozereye akengurukira abashitsi bahire baje gufasha guhimbaza uyu musi mukuru, na cane cane abakuru b’ibihugu bari bahari, abaserukira ibihugu vyabo n’amashirahamwe mpuzamakungu aha iwacu, baba abahaba n’ababa mu bindi bihugu, kuko basidukanye n’iyonka mu kuza gushigikira Uburundi.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.