IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ijambo ry’umukuru w’igihugu k’umunsi mukuru w’ubumwe bw’abarundi

Ijambo ry’umukuru w’igihugu k’umunsi mukuru w’ubumwe bw’abarundi

mardi 5 Ruhuhuma 2013

Igenekerezo rya 5 Ruhuhuma uko umwaka utashe u Burundi buhimbaza umunsi mukuru w’ubumwe bw’abarundi.Mu ntumbero y’ukwifatanya n’abarundi mu guhimbaza uwo munsi mukuru, umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza yashikirije ijambo abarundi ejo itariki 4 Ruhuhuma umwaka w’2013 ari mu ntara ya Gitega.

Icivugo c’uyu mwaka kikaba ari «Dushire hamwe twijukire ibikorwa vyo soko ry’iterambere rirama». Ico civugo kikaba gihuye n’icahariwe uku kwezi kivuga ngo «ubumwe ni isoko ry’amahoro n’iterammbere birama ».

Mw’ijambo ryiwe yarashimiye incungu y’ukwikukira kw’ u Burundi umuganwa atari umugani Rudoviko Rwagasore ngo we yeretse abarundi ko ubumwe bu bumbatiwe bushika kw’iterambere.

Imyaka 22 ikaba iheze u Burundi buhimbaza uwo munsi mukuru kuko abarundi bemeje amasezerano y’ubumwe mu mwaka w’1991.

Umukuru w’igihugu yagarutse ku bihe bibabaje u Burundi bwaciyemwo imbere y’uko abarundi bumvikana kubumbatira ubumwe kugirango amacakubiri afatiye ku bwoko canke ku bindi vyose aranduranwe n’imizi.

Kubw’iwe ngo amasezerano y’ubumwe bw’abarundi niyo yaciriye inzira amasezerano ya Arusha, ayo rero ngo akaba yabaye amasezerano yambere yashizwe ko umukono n’imigwi yose yari yitavye ibikorwa vyo kugarukana amahoro.

Ayo masezerano ngo yarafashije abarundi gushika ku ntambwe yo kugabanganya ubutegetsi no gushiraho inzego zijejwe gucungera igihugu zihurikiyemwo bose. Pierre Nkurunziza akaba avuga ko ubutegetsi bwiwe bwabungabunze ubumwe bw’abarundi mugufata ingingo zo kwigisha abana bo mumashure mato mato ku buntu hamwe no kuvuza abana bari munsi y’imyaka 5.

Ngo ni ubumwe bwatumye abarundi bijukira ibikorwa vy’iterambere mu ntumbero yo kwubaka igihugu inyuma y’amarusha u Burundi bwaciyemwo. Abantu kandi ngo ntibokwibagira ko hari ho umugambi w’iterambere,bise «vision 2020-2025 ».

Pierre Nkurunziza yaribukije abarundi bose gufasha benewabo bahuye,n’isanganya ry’umuriro mw’isoko nkuru ya Bujumbura .Ngo we n’ivyegera vyiwe ndetse n’abashikiranganji baratanze akarorero mukwemera gutanga igice c’umushahara wabo. Akaba asaba ko hokwugurugwa ikonte mu ntara zose izojako amafaranga yo gufasha abahombeye mw’isoko.

Umukuru w’igihugu akaba yarangije ijambo ryiwe asubira kuremesha abahuye n’isanganya ry’umuriro,kandi yipfuriza abarundi bose umunsi mukuru mwiza.


Marie Claire Ingabire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.