Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ijambo rya Petero Nkurunziza ryabonywe nabi n’amashirahamwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Ijambo rya Petero Nkurunziza ryabonywe nabi n’amashirahamwe

Ijambo rya Petero Nkurunziza ryabonywe nabi n’amashirahamwe

samedi 7 Ruhuhuma 2015

Ijambo ryashikirijwe na Petero Nkurunziza umukuru w’igihugu ku munsi mukuru w’ubumwe bw’abarundi ku bijanye n’amoko mu mashirahamwe, abari muri ayo mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike baryakiriye nabi.

Mw’ijambo ryashikirijwe n’umukuru w’igihugu, akaba yavuze ko hari amwe mu mashirahamwe yigenga aciganziwe n’ubwoko bumwe, mu gihe iyo nzira yasezerewe mu Burundi, mbere akavuga ko no mu manama bamwe batumirwa abandi ntibatumirwe, ibishobora kuzanira akarambaraye igihugu. Abari mu mashirahamwe ataniganira ivyicaro vya poritike bakabona ko imvugo y’umukuru w’igihugu yerekana ko yarushe n’ubutegetsi.

Pacifique Nininahazwe arongoye ishirahamwe FOCODE, avuga ko iryo jambo ryabatangaje cane, aho ku bwiwe amajambo y’amoko yasa n’ayari yaraheze mu barundi. Uwo arongoye FOCODE akavuga ko izo mvugo zerekana ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yamaze kuruha, inyuma y’imyaka cumi arongoye igihugu, kuko ari irya mbere avuga ijambo nk’iryo. Pacifique Nininahazwe akaba atanga uburorero bw’abantu bagiye barapfa ku ntwaro y’umugambwe CNDD FDD, kandi abo bapfuye benshi bakaba bari mu bwoko bw’abahutu.

Eka siwe gusa, na zimwe mu nani bakabona ko imvugo y’umukuru w’igihugu harimwo uburuhe bw’ubutegetsi. Imbono Charisma (Vision Charisma) nabo nyene bati, abapfuye kuri iyi ntwaro ya CNDD FDD benshi bari abahutu, kandi bicwa n’abahutu nyene. Avuga nk’aba FNL bapfuye inyuma y’amatora yo mu mwaka w’2010, abapfiriye mu Gatumba, abagiye baratorwa ibiziga mu nzuzi n’abandi.


Aristide Nizigire

Messages

  • Pasifike N, prezida yabivuze arabisubiramwoneza ko hariho amashirahamwe usanga arimwo ubwoko bumwe yabivuzeneza ko kubera ubumwebwabarundi bwamazeguterimbere bimwebiboneka kwayobashirahamwe adakwiye kubamwo ubwokobumwe. Kurikirananeza wamuntuwe kandi ucunge ururimirwawe imbereyokuvuga UMUKURUWIGIHUGU NTIYIGEZE AVUGAKO BAKWIYE GUKURIKIRANA AYOBASHIRAHAMWE BISIGURIKI? BISIGURAKO WEWE UCIYEWIKANGA KOBOBA BAGOMBA GUHIGA ABOBANTU BAGIFISE AGATIMA KAMACAKUBIRI KUKOWIYIZI WOREMA NTAWUZOBIGUHORA NUKUGUMA BAGUCUNGISHA IJISHOGUSA KUGIRA NTIHAZOGIRE ABO UHITANISHA, UBONAKO UCIYE UDUTERUBWOBA NGOKUKO YABAVUGIYE IBINTU NGOMUSHOBORA KUCA MUTANGUZA AKARAMBARAYE. NDAKUMBWIRE MUHU URARENGEJE CANE KUBIJANYE NAMACAKUBIRI NUKOMBONA UKIRIMUTO TWARIGEZE KUYABAMWO ARIKOTWASANZE ATACOYODUSHIKANAKO DUHITAMWO KUYAHEBA TWIFUZAKO NAWE WOYAHEBA UKAREKA KWUZA URIKANGA ABAYARWANYA.

  • Ahubwo uyo mugabo pacifique niwe yarushe kuko ava muri FOCODE aja muri FORSC kandi aho hose atabaye chef ntashirwa, ava kuri kimwe aja kukindi none ubunaho yipfuza kuba umukuru w’igihugu!kiramwagiye agatima kaba sans echec ntikaramuvamwo?mbega asigaye ari porte parole wabanyepolitiki?Reka abenegihugu bo bazi ico uyo mukuru wigihugu abamariye bazoce urubanza.Indero yaramuhezemwo kuko asigaye aharurira umukuru wigihugu amezi asigaje nkuwumugabisha!Emwe pacifique aracaruhiye kwisi akiriko.

  • ARE NUWERA NUKONYE.KUVA KERA IYO BAVUZE IBIGORAMYE UMUHORO WACA WITANGIZIMBERE BAVUGIBINYAGARA IBIHUNDA VYITIMBERE.MBE MUMASHIRAHAMWE ARENGA 500 NIWE YABONYE AZI KUVUGA GUSA?CANKE NIBO BATUTSI BAKARORERO BE NA VITAL.MUZOMENYA KWIVYO MUVUGA CANKE MUGIRA VYADUSHEGESHE UMUSI MWADUZE RUGURU MUKABIVUGIRAYO.NTAMPUHWE TUZOBAGIRIRA

  • Nibazako Pacifique atategereye ijambo ryumukuru wigihugu.Ivyo ariko aravuga wumva bihuriyehe nivyo umukuru wigihugu yavuze. Abahutu bapfuye pacifique ntibapfuye kubera ubwoko bwabo canke intara bavamwo. ivyo avuga avuga ibiriho kandi bigaragara canecane muri ayo mashirahamwe yanyu biboneka ko arimwebwe mugishaka gusubiza inhyuma igihugu. Be mwumva impanuro naho woba umwanka hariho ivyo avuga vyukuri.

  • ivyiyumviro vyanyu biracari inyuma yamajambere mwebwe mubona ivyo prezida avuga kwarivyo akivuga amacakubira azi kuduhuma amoso mugabo nivyo ndabatahura bivanye niyo muva amaso akunda ntabona muraciga kubuntu

  • Pasifique 0yeeeeeeeeeeeeee ntibaguterubwoba izontozo turinyuma yawe uko nuguterige ako nakanyuma nibagire bagende kuko ntaco bashoboye mbe Peter arinda tanga imfura yiwe yumuhungu asukuraho akamutangakigitambo ngwatware manda3 ico ciza yokorera abarundi nikihe? nimube maso kandi musenge kukwivyavufa arazi ivyo yateguye nabarikarabwira Nuwera nawe ivyo wandika ntiwibagire kwi bombe iyitewe itabumwansi gusa numukunzi birajana

  • Pasifique 0yeeeeeeeeeeeeee ntibaguterubwoba izontozo turinyuma yawe uko nuguterige ako nakanyuma nibagire bagende kuko ntaco bashoboye mbe Peter arinda tanga imfura yiwe yumuhungu asukuraho akamutangakigitambo ngwatware manda3 ico ciza yokorera abarundi nikihe? nimube maso kandi musenge kukwivyavufa arazi ivyo yateguye nabarikarabwira Nuwera nawe ivyo wandika ntiwibagire kwi bombe iyitewe itabumwansi gusa numukunzi birajana

  • Sisi uravuze neza cane, murababwira banyaruke muri Sebarundi, bareke gutera ugwamo mu bimenyeshamakuru, uwo mwama muratyoza aradiserukira twebwe bene Burundi niba mutamwemera muzorondere ibindi bihugu mwojamwo,naho Peter mumuveko araserukira U Burundi.

  • Haaa....abantu mwarabuze ihero ry’’imiti. Kiretse amagabura nyama ; hari uwoja ngaho agasigura ingene ari umuhutu ,umututsi canke Umutwa ? Ntanumwe azi ukuri iyo yavuye ,kanatsinda ntamuntu amenya ukuri kiretse Imana mushobora vyose. Iyo migenzo mibibi y’’urwanko murakwiye kuyigeza aho . Imigani abakera baca yarifise ico isigura . Baravuze ngo uhiga kwihora ukamara umuryango.

  • reaka kwivugisha ibidafise umutwe namaguru!!mbe ngo Présidnt yarushe?nawe nturaruha!!akagaye kawe !!uraziko wibona!!ubinyegeze rero ko ayo mashirahamwe yanyu atarayamoko gusa?ubwoko bumwe nahonyene?!!CNDD yakijije benshi,abo wishe we nabenewanyu nta gitigiri tworonka kuko na CNDD ntiyari yagiye mwishamba igiye gutembera,bari bahunze ububegito bwanyu!!ko mutinya!!emera mutwarwe nana DD gushika Yezu agarutse!!shame to Pacifique!

  • Pacifique jew ndagushigiy 100%kuko twebwe nka banyagihugu ivyo yavuze sivyo twaritwize kumva dufise ibibazo vyishi biduhanze vyatew niyo reta yiw ya cndd fdd Murakoze cane!

  • JAba DD barantangaza mbe none ntakindi KIROFA mufise atarico kigugu ngo ni P€t€r atazi nukuvuga arukanisha abarundi gusa mugabo basha ntimwihende mwirirwa muravug, ivyomwishakiye ngonuko inkoho mwahawe igihe mwabukaranga abandi bari musi yurujo ntawurusoro rutinya

  • Ivyamoko ntibabishire imbere bose n,inda kuko aravuga ko bafise amashirahamwe y,ubwoko bumwe habuz,iki ko abahutu aribo batwara ko ntagihe nigeze numva bakurikira abo bicanyi bishe abahutu kuva ubuurundi bwikukira none imyaka cumi iraheze ntibigeze babafata abishe umukuru w,igihugu.Hama ngo amoko amoko.

  • Jewe niki kinyamakuru ndagifiseko amakenga? kubera iki? ivyiyumviro vy’abatutsi munyarutsa kubishira ahabona? namwe babarabe neza, sagaseseshwa rumuri abatutsi bagomba kwerekana ko muburundi icamoko carangiye mais nuruhendo,kuko habaye amatora iyaba atavyabatutsi biriho nibareke rero abatsinze batware, batarinze kuraba ama pourcentage Hutu ou bien tutsi,amashirahamwe yigenga menshi muriyo yabaye amakambi abatutsi bahungiyemwo il faut qu’il ait un changement,kandi harageze @

  • Abahutu ntibinjiye muvyogutegeka muntumbero yokutubaha abandi barundi benewabo badahuje ubwoko , uwubonako azirana nogukorana nabandibarundi badahuje ubwoko ntawuzomushirako inkono cankengwamubuze kubikora ariko abarundi bazogumabaziko arinyuma cane bakoneze kumusomera mwikete bongera bamubwirabwirana ngo karyakarwi nakatanezerejwe namasezerano y’Arusha.

  • Noneababica Baramenyekana Canke Ntibamenyekana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.