IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikambi nshasha y’impunzi z’abakongomani yuguruwe i Kavumu

Ikambi nshasha y’impunzi z’abakongomani yuguruwe i Kavumu

jeudi 16 Rusama 2013

Ikambi y’impunzi yaruguruwe na HCR i Kavumu mu ntara ya Cankuzo, ikazoshobora kwakira impunzi zivuye mu gihugu kibanyi ca Republika iharanira Demokarasi ya Congo.

Hakaba hari impunzi z’abakongomani zaje ziva mu buseruko bw’igihugu ca Republika iharanira demokarasi ya Congo, zikazoca zakirwamuri iyo kambi y’impunzi iri mu ntara ya Cankuzo. Ivyo n’ivyashikirijwe na HCR ibicishije mw’itangazo yasohoye ku nsamirizi zo mu gihugu c’Uburundi.

Izo mpunzi z’abakongomani zigera ku 13 000, bitegekanijwe kandi ko iyo kambi nshasha yuguruwe ejo izokwakira impunzi zigera ku 5000 mu mpera z’uwu mwaka w’i 2013.

Muri iryo tangazo ryasohowe, havugwa y’uko mu gice ca nyuma c’umwaka w’i 2012, comisariya nkuru y’ibihugu mpuzamakungu iraba ivy’impunzi yaharuye abakongomani bashasha bashika ku 2200 basaba ubuhungiro. Kuva muri Nzero gushika muri Ntwarante umwaka w’i 2013, bararenga 1500.

HCR ikaba yakiriye impunzi zigera ku 26 000 mu makambi y’i Bwagiriza, Musasa na Gasogwe, ayo nayo akaba yuzuye impunzi.

Iyo kambi nshasha ya hegitari 81, ifise aho kwubaka, ishure, ivuriro n’uburyo bwo gushiraho amazi agera ku birometero 13. Ikiguzi co kwubaka iyo kambi y’umwaka umwe kingana n’amafaranga 2.550.000 y’amadorare y’abanyamerika.

Imbere yo gushika mw’ikambi nshasha, izo mpunzi zabaye ziragumizwa nk’iminsi itarenga itatu mu makambi abiri yuguruwe mu ntango z’ukwezi kwa Ndamukiza i Cishemere, mu ntara ya Cibitoke no mu Kajaga mu gisagara ca Bujumbura.
Ubu bakaba batwawe mw’ikambi y’i Kavumu mu ntara ya Cankuzo aho bafashwe mu mugongo na HCR hamwe n’abandi bagiraneza.
Izo mpunzi zimaze kuronswa ivyo zifungura n’ivyo kwiyoronsa, zaciye zitangura ibikorwa vyo kwubaka aho ziba zibifashijwemwo n’ababijejwe intwaro.

Mu biharuro vyakozwe igenekerezo rya 31 Ntwarante 2013, bigaragara ko HCR iraba, igafasha impunzi zigera ku 41 813. Abagera ku 6130 nabo bakaba ari abasaba ubuhungiro, abahungutse bagera ku 35 712, abimuwe bavanwa mw’ikambi bajanwa mu yindi ni 78 712.
Ibice vy’impunzi ziba mu makambi 60 kwi 100 ni abasanzwe bashizwe mu gisagara ca Bujumbura.

Iyo nkambi y’impuzi iri ku musozi Kavumu yubatswe kw’isi y’urucekeri. Amazu y’izo mpunzi yose yubatswe mu vyondo akaba asakajwe n’amabati mashasha yakaka. Ubwiherero(utuzu twa surwumwe) twubatswe na mahema ya HCR.

Mugihe iyo kambi yugururwa ku mugaragaro kuruyu wa gatatu, bulamatari w’intara ya Cankuzo, Jean Berchmans Niragira yahaye ikaze abo bakongomani ababwira ko igihugu c’Uburundi kibahaye indaro mu gihe iwabo hakivugwa ingwano.

Uwuhagarikiye ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impuzi HCR mu Burundi yibukije izo mpunzi amategeko abagenga.

Naho biri uko, izo mpuzi zimenyesha ko zibayeho nabi. Umwe muribo yatumenyesheje ko bahabwa indya nke kandi rimwe mu kwezi. Nk’uko yabandanije abitubwira, umuntu umwe yandikirwa amagarama amajana atatu y’ibiharage ku musi, ifu y’ibigori ibiro icenda ku kwezi, n’agacupa k’amavuta.
Ivyo bikaba bihera n’ukwezi kutarahera.

Abandanya avuga ko mu nzu imwe y’imetero zine n’igice kuri zitanu abagabo bane ariho barara kandi bari kumwe n’abana n’abagore babo. Uwo mugabo atazi aho umuryango wiwe uherereye ubu agasaba HCR ko yoronsa umuryango umwe inzu imwe nyene yose.

Catherine Huck aserukira HCR mu Burundi arahumuriza izo mpunzi. Avuga ko kuvyerekeye ibifungurwa, ivyo baronswa arivyo nyene izindi mpuzi kw’isi nzima zironswa.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati ari nawe yari yateye iteka ivyo birori kw’izina rya Leta, yamenyesheje ko Uburundi ubu burimwo amahoro n’umutekano. Edwardo Nduwimana yarasavye abarundi n’abakongomani kubana mu mahoro naho bafise imico itangukanye.


Patrick Wasso

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.