IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikibanza cahoramwo isoko yahiye gifitiwe uwuhe mugambi?

Ikibanza cahoramwo isoko yahiye gifitiwe uwuhe mugambi?

lundi 22 Kigarama 2014

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza amenyesha ko ikibanza c’ahahora isoko nkuru ya Bujumbura kizokwubakwamwo isoko ya kijambere izodandarizwamwo ibidandazwa vy’agaciro (produits de luxe).

Mu kwezi kwa mbere, igenekerezo rya 27 umwaka w’2015, imyaka ibiri izoba iheze isoko nkuru ya Bujumbura ihiye idatokombera mu mpanuka y’umuriro. Mu kibanza cahoramwo iyo soko nkuru ya Bujumbura gushika ubu nta gikorwa na kimwe kirangurirwayo, n’isoko mfatakibanza yo kuri COTEBU yari yemewe kugira abadandaza babe barakorerayo ikaba itarugururwa.

Mu kiganiro n’abanyagihugu cabaye kuri uwu wa gatatu, abamenyeshamakuru barashatse kumenya ico Reta y’Uburundi itegekanya gukoresha ikibanza cahoramwo iyo soko, gushika ubu cugawe. Umukuru w’iigihugu Petero Nkurunziza yamenyesheje ko ivyigwa vy’abahinga vyakozwe vyerekana ko ico kibanza cokwubakamwo amazu y’ubudandaji agizwe n’isoko ya kijambere izodandarizwamwo ibidandazwa vy’agaciro (produits de luxe), canke bakahubaka ububiko bw’imiduga (un grand parking) kugira uruja n’uruza rw’imiduga hagati mu gisagara ca Bujumbura rugabanuke.

JPEG - 36.3 ko
Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, mu kiganiro mu ntara ya Ruyigi

Tubamenyeshe ko kuva iyo soko nkuru ya Bujumbura ihiye, abahora badandarizayo bagumye bahabwa isango ry’ugushikirizwa isoko mfatakibanza, ariko amaso akaba yaheze mu nzira. Abatari bake bakabona ko ico kibanza cahoramwo isoko cokuburwa, ibibomoka bigakurwaho, abadandaza b’ivyamwa n’imboga bakaba barakorerayo mu kurindira ko isoko ya COTEBU yuzura, aho kwama bashwiragizwa n’igiporisi.


Egide Nduwimana

Messages

  • Jew ndibaza ko abanyigihugu babona ingene batwawe nkabashumba mugihugu cabo,rero bakwiye kuva hasi bagatora indogozi yindyamunyu hanyuma abo nabo babarya babihishije ko bakabasezerera.akagaye nukeiyemera kwabatwarabiki gihe birarenze.mbe mwari muzi abo banyagihugu mucura bufuni ns buhoro kobaribo babemba.aho mubarekurira ko imbonerahafi zibakubita,zibasahura utwabo ivyo ni vyo mwarwaniye ?igiturire cabaye ndanse gushika no kwa nyumbakumi atamuntu igira ico abaza adatanze 2000fbu.iyo note ntwaro ibereye?

  • Mbe sha Gitwarwa... uracarushe ukiriko kuko ivyo wifuza ntibiriko biraba uno uno musi canke ejo. Mbega nkwibaruze: bimwe vya i na u twamaramwo imyaka 40 ni vyo vyari vyiza? Nyereka umuntu atari muri "i" afise inzu mu kinindo, gatoki, kabondo, kinanira 1, ngagara, ...urabaza abo ecosat yivye amatongo muri kinanira ca Musaga aho kubaha 100 F/m2 bakabaha 30 F/m2 ubu imanza ntiziri muri parquet? Ugomba ubutegetsi ja ku rubuga ureke kwikika inyuma ya internet uhiganwe n’abandi urushijwe utekereze. Iyo hataba abi wita "imbonerahafi" abiyumvira nkawe muba mumaze kwiha inkumbi muri kino gihugu.

  • ah vyabrey skera vba ub trvuy hsi kmab yam arko arbera mughgu cac.

  • ARIKO WE JEWE MBONA ATACAHINDUTSE????KO MBONA N ABAHUTU BO NYENE BAMEREWE FAUX NONE???AYO MACAKUBIRI NTAHO AZOBASHIKANA...

  • Barundi barundikazi ncuti z’uburundi,mutegerezwa kumenya ko "education buissonniere"itigera ihinduka.umwicanyi azokwama arumwicanyi no matter what.mbega abo bantu bavuga batabanj no kwiyumvira,mubona harico bazohava bamarira ico gihugu?ubwa mbere ngo:ico kibanza kizokwubakwamwo ubudandarizo bwa kijambere,hama ngo,"parking"mbega iyo parking niyo izonyongerwamwo iyo miduga ko avuga ngo bagabanye uruja n’uruza?inguge ntizigera ihinduka ngo yiyumvire nk’umuntu imenye kwishura ico yiyumviriye.abarundi barihenz bahubutegets inyeshamba,ariko bagomba kubusubirako bidatinze.

  • sha wewe wiyita jewe niwewe wenyene koko kuk twentiturimwo aho uswaganya urushamaso nde uvuga abatware batwaye uburundi kwariwe ubuzi wenye canke umwumwe nivyo yakora kwabarundi tutabizi mbega shankubze izonyeshamba uvuga zajanyweyo nabande siwew?erega twanse kugutora kubera waherey kera utoteza abana buburundi kugira tukwemere banza uzane ndadaye utubwire niyo wamutumye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.