IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikigo ca Kaminuza i Kiriri kirakwije indwi kitaronswa amazi (...)

Ikigo ca Kaminuza i Kiriri kirakwije indwi kitaronswa amazi meza

jeudi 12 Rusama 2016, par egide

Ikigo ci Kiriri ca Kaminuza y’Uburundi kirakwije indwi yose ata mazi meza abazwa. Abanyeshure batewe amakenga niryo bura ry’amazi meza, kuko ingwara zituruka kw’isuku rike zishobora guca zibinjirana.

Abanyeshure ba Kaminuza yUburundi, ikigo c’i Kiriri bamenyesha ko bibagora kuja gukurikirana ivyigwa batoze, mbere bakaba badashobora n’ugukora isuku ryo mu buraro bwabo.

Abakinjika nabo nyene iryo bura ry’amazi ntiriborohereza mu kazi kabo, kuko bakenera amazi menshi y’ugutekera ibifungurwa abanyeshure barenga igihumbi bari muri ivyo bigo.

Ubuyobozi bwa Kaminuza y’Uburundi bukaba bwafashe ingingo y’ukwikora ku modoka y’igiporisi ijejwe kuzimya ahabaye impanuka, ikaba ariyo isehera amazi ico kigo, n’aho abanyeshure bavuga ko amazi azanwa niyo modoka ari make, bagereranije n’ayo baba bakeneye, mbere bamwe muribo bakaba baja kuvoma hanze y’ico kigo.

Mw’ishirahamwe REGIDESO bamenyesha ko ico kibazo bakizi, kandi ko bariko barakora ibishoboka vyose kugira gitorerwe umuti, ico kigo ca Kaminuza gisubire kuronka amazi meza nk’uko vyahora.


IGIHE

Messages

  • Igihugu cacu ntabatware bivyiyumviro birashe barigera baboneka ngaha kasa. Ntahovyabonetse umurwamukuru wi gihugu ukena amazi, canke nguse ukusa unomusi, nukuri mwiyidwi naciye hirya yahahora isoko nkuru ya Bujumbura nagovye guturika numunuko kubwisuku rike, rirahohantu. mama rwa matara ya maracigagurika, ndabitahura cane nubumenyi buke bamwe babitumwa ninzara. Abobanyeshure nabo nibihangane bapfekwigukonyene,siko bizokwama kuko haruwise umwana birahinduka, bizoteba bihinduke ejo nahandi.

  • Hari ico mutarategera, aba DD bavuye mw’ishamba baza barizanye mu buzima bw’igihugu bwose. Iryo shamba naryo ni manque d’ethique et de morale, corruption a tous les étages, ubwicanyi, akajagari, incompétences muri vyose, kuburabuza Abarundi kugira bicwe na kigoyi, akajagari mu mashure...rindira harico mutarabona.

  • Ewe nzoyihera uri kigugu ww ugomba wigir umuntu azibintu?ww urakurikirana amakuru avurwa kw’isi?aho bashiraho urutonde rw’imiji icafuy kuruta iyindi inuka kw’isi?haraho uburundi wigez ububona ww warisariy ntamwanya nogutako ico nikibazo kibaho aho tutazoba dufis ibibazo nikuntwaro ya christo urupfu nakuzimu byakuweho nibirwanisho nababirwanisha byarimbuwe aho atamuganga uhaba niho hatari ibibazo murakoze niharambe intwaro yitorewe nabene gihugu irongowe na commandant supreme H.E pierre Nkurunziza murakoze

  • NIMWIHANGANA BARABIBATUNGANIRIZA MWOYEKWIHEBURA KKO UMWAMI YESU ARIKUMWE NAMW

  • ivyo birashika ,ejo niheza

  • iyo nyubako ntabwo iri ikiriri ariko birababaje abijejwe bikebuke!

  • Ewe karorero nagomba nkubwizukuri amakuru yo kwisi nda yakurikiranira hafi burimusi, nahamwe hamwe, twarigeze kuhatembera turabona urugero bagezeko, muburyo bwisuku,nabimwe abenigihugu, bakunze kuba bikorako mubijanye nubuzima bwamisiyose, nta Burundi bwacu burabishikako?. cakabiri, jewe sindi kigugu nkuko uvyiyumvira, ndumushingantahe yi kwije, wejunja, adatuzwe nugusesa amaraso, ya ciye mwishure yo kubaha kiremwa muntu, Ashika murugo umuryango ukavuzimpundu, uwi Imana ya hezagiye gukura kwino gushitsa kumutwe.nawe rero nagomba nkubwizukuri, ni mba ugishigikira amateranyuma, uracarikure nkukwezi.

  • @ Burundi

    Uvuze ukuri. Ntamuntu ava mwishamba ngo hanyuma aze afise ubwenge nk’ubwabantu basanzawe babana n’abandi bantu. Ubwenge n’ubwinyamanswa. Atari mission zo kwica, ntihagire ibindi mubazigako. Reta y’imburabwenge gusa. Noneho ntibikiri umugani, Uburundi bwabaye ubwanyuma mubutunzi kw’isi yose. MPORE BARUNDI!

  • Nimwihangane bizotungana neza

  • Nibabaronse Ayo Mazi Meza Kuko Turazi Ko Gukoresha Amazi Meza Ariryo Soko Ry’amagara Meza.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.