Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikigo gitoza amatagisi OBR kirishimira umwimbu wo muri ano mezi atatu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Ikigo gitoza amatagisi OBR kirishimira umwimbu wo muri ano mezi atatu (...)

Ikigo gitoza amatagisi OBR kirishimira umwimbu wo muri ano mezi atatu arangiye

mardi 15 Mukakaro 2014

Amafranga agera ku miriyaridi 159,40 niyo yatororokanijwe n’ikigo OBR muri ano mezi atatu arangiye, umwimbu ukaba wariyongereyeko ugereranije n’umwimbu bari biyemeje gushikako muri ano mezi ya Ndamukiza, Rusama na Ruheshi.

Ikigo gitoza amatagisi OBR cashikirije amafranga cashoboye gutororokanya muri ano mezi atatu arangiye. Guhera mu kwezi kwa Ndamukiza gushika mu kwezi kwa Ruheshi , OBR yatoje amafranga agera ku miriyaridi 159,40 y’amafranga y’amarundi nk’uko bishikirizwa na komiseri mukuru w’ico kigo Domitien Ndihokubwayo mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru, kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 15 Mukakaro, mu gihe bari baramutse bashikiriza ivyaranguwe muri ano mezi atatu arangiye.

Bagereranije n’ibiharuro bipfuza gushikako muri ico kiringo c’igice ca kabiri c’umwaka w’2014, kuyari ategekanijwe hiyongeyeko amafranga angana imiriyaridi 8,42 y’amarundi . Mu kigo OBR bagereranije kandi n’amafranga bari batoje mu mwaka uheze w’2013 mu gice ca kabiri, hiyongeyeko amafranga angana n’imiriyaridi 29,80 kw’ijana . Ariko rero nk’uko bishikirizwa na Komiseri mukuru wa OBR , muri rusangi ibice bibiri bigiye hamwe basanze amafranga bari bifuje kutoza batayashikanye, bagiye inyuma ibice 2,57 kw’ijana. Ariko umuntu agereranije nayo batoje mu mezi atandatu y’umwaka uheze, uno mwaka akaba ariho bashoboye gutoza menshi ugereranije n’igice ca mbere c’umwaka uheze.

Ivyatumye batashikanye uwo mwimbu bari biteze, ica mbere n’uko amakori yava ku nyungu z’amashirahamwe yasubiye inyuma ugereranije n’ibiharuro bifuza gushikako. Ariko n’ubwo biri uko, icatumye banashikana umwimbu n’uwo baronse n’uko haciye haboneka ubundi buryo butari bwitezwe mu ntango z’umwaka, abariha amafaranga yo kwemererwa gukora mu gisata co gutumatumanako amakuru binjirije amafranga atari make.

Muri ico kiganiro bashikirije n’ivyagiye birangurwa mu bisata bitanduknaye aho binjije abakozi bashasha 75, inyigsiho mu gisata kijanye n’amategeko mashasha araba ikori nyongererezagaciro, ikori ku nyungu hamwe n’ibijanye ingene itoza ry’ikori ingene rikurikiranwa n’ibindi n’ibindi.


Floxella Karire

Messages

  • Ni vyiza kubona Abarundi bari gutanga ama taxes yubaka igihugu, n’ubwo twebwe tuyatanga dufise amakenga ko ariyo ari kwubaka vyabizu tubona.
    Ikintu kimwe mperutse kubona kigatuma nibaza vyinshi, ni ukuntu abakozi ba OBR bakorera ahantu hari umwanda. Uwumaze kuja kuriha Taxes kuri Bureau ya harya muri Ville haruguru ya Palais des Arts harya kuri Ex-Province. Naramaramaye kubona abantu batoza amafranga y’igihugu bakorera muri rirya vumbi nabonye. Oya, abarundi ntituri abanyamwanda nimba abategetsi ari abanyamwanda.

  • Ni vyiza kubona Abarundi bari gutanga ama taxes yubaka igihugu, n’ubwo twebwe tuyatanga dufise amakenga ko ariyo ari kwubaka vyabizu tubona.
    Ikintu kimwe mperutse kubona kigatuma nibaza vyinshi, ni ukuntu abakozi ba OBR bakorera ahantu hari umwanda. Uwumaze kuja kuriha Taxes kuri Bureau ya harya muri Ville haruguru ya Palais des Arts harya kuri Ex-Province. Naramaramaye kubona abantu batoza amafranga y’igihugu bakorera muri rirya vumbi nabonye. Oya, abarundi ntituri abanyamwanda nimba abategetsi ari abanyamwanda.

  • ABA DD BAFISE IYINDI NTUMBERO ISUKU RABA AMA QUARTIERS NKA JABE BWIZA N AHANDI INGENE IMIFUREGE YUZUYE AMAZI IMYANDA Y ISI YOOSE NONE NTA BATWARE BAFISE ???BATORA AGAFARANGA AHO KARI GUSA...NTA VYABO KUKO BISHAKIRA KWIBA GUSA ,NO KUBESHA NGO BAGUME KU BUTEGETSI

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.