Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikigo OBR catanguje inama ihuza ibigo bitoza amakori muri Afrika (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Ikigo OBR catanguje inama ihuza ibigo bitoza amakori muri Afrika (...)

Ikigo OBR catanguje inama ihuza ibigo bitoza amakori muri Afrika y’ubuseruko

mercredi 29 Nzero 2014

Inama igira 66 y’inzego zijejwe ubuhinga mu mashirahamwe atororokanya amakori mu bihugu bihurikiye mu muryango wa Afrika y’ubuseruko yakoraniye i Bujumbura kuva mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 29 Nzero 2013. Muri iyo nama izomara itatu, ivyo bihugu bizorabira hamwe ibimaze kurangurwa, n’ingorane zihari, mu ntumbero yo kuzitorera inyishu bari hamwe.

Ikigo OBR (Office Burundaise des Recettes) catunganije iyo nama igira iya 66, yama iba rimwe mu mezi abiri, kugira ibihugu bihurikiye mu muryango wa Afrika y’ubuseruko bihurire hamwe, abahinga bashobore guhanahana ivyiyumviro kuvyorangurwa, ingene bokura ubumbasumbane mu makori atangwa muri ivyo bihugu, kugira kandi n’abarwizatunga bashobore guhurumbira kuzana imitahe mu bihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko arivyo Burundi, Rwanda, Kenya, Uganda na Tanzaniya.

Martine Nibasumba, umuyobozi ajejwe gutunganya ibikorwa mu kigo OBR amenyesha ko izo nama zihuza uwo muryango arizo zituma bashoobora kwigira hamwe ibijanye n’ugushira ku rugero rumwe amatagisi atangwa mu muryango wa Afrika y’ubuseruko, ari navyo vyatumye ikori kuvyinjira mu Burundi rikurwa ku bice 35 kw’ijana, rigashirwa ku bice 30, nk’uko biri mu bindi bihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko.

JPEG - 1.9 Mo
Martine Nibasumba, umuyobozi ajejwe gutunganya ibikorwa mu kigo OBR

Mu ngorane nyamukuru mu kigo OBR gitorokanya amakori ya Reta mu Burundi bagire, Martine Nibasumba ashikiriza nk’izijanye n’uburyo ico kigo gikoresha butarisununura, ingaruka zigaca ziba ukubura ingene borwiza abakozi bakwiye, hamwe n’inyigisho zo kwongerereza ubumenyi zidaheza zitangwa ku bakozi b’ico kigo mu bisata zose.

Inyuma y’iyo nama yuguruwe icese na Kieran Holmes, umuyobozi mukuru w’ikigo OBR, ikaba izosozerwa ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 31 Nzero 2014, abahinga bo mu bihugu vyo mu muryango wa Afrika y’ubuseruko bazopfundika icegeranyo c’ivyorangurwa, giheze kirungikirwe abayobozi bakuru b’ibigo bijejwe gutororokanya amakori muri ivyo bihugu vyose bitanu vyari vyaserukiwe muri iyo nama.

Mwipfuza kuraba amasanamu menshi ajanye n’iyugururwa ry’iyo nama igira 66, fyonda ngaha : Photos


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.