Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikigo OBR cegeranije amafaranga arenga imiliaridi 39 mu kwezi kwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Ikigo OBR cegeranije amafaranga arenga imiliaridi 39 mu kwezi kwa (...)

Ikigo OBR cegeranije amafaranga arenga imiliaridi 39 mu kwezi kwa Nyakanga

lundi 10 Kigarama 2012

Ikigo c’igihugu kijejwe gutoza amakori n’amatagisi OBR kimenyesha ko gushika mu kwezi kwa Nyakanga uyu mwaka cari kimaze kwegeranya amafaranga arenga imiliaridi 39,5 hafi ayarenga imilioni 26,4 z’amadolari y’abanyamerika.

Ikigo c’igihugu kijejwe kwegeranya amakori n’amatagisi OBR kirashima intambwe kigezeko mu gutoza amakori kandi ngo u Burundi ngo burashobora munsi iri imbere kubaho ata mfashanyo mu mafaranga Reta ikoresha ku mwaka ku mwaka.

Mu kwezi kwa Nyakanga uyu mwaka, OBR ngo yegeranije amafaranga arenga imiliaridi 39,5 hafi ayarenga imilioni 26,4 y’amadolari y’anbanyamerika.
OBR igereranije ngo mu kwezi kwa Munyonyo, kirashobora kwegeranya amafaranga arenga imiliaridi 39,6. Hoba hiyongereyeko ibice 0,31 kw’ijana.
Abarongoye OBR bemeza ko ico kigo gifise uruhara ruhambaye mu ntwaro ibereye no kurwanya ibiturire.

Icegeranyo c’ishirahamwe mpuzamakungu rirwanya ibiturire Transparency International cerekana ko kuva aho ikigo OBR kiziye, u Burundi bwateye intambwe mu kurwanya ibiturire mu nzira zicamwo ibidandazwa biva canke vyinjira mu karere ka Afirika y’ubuseruko.


Pierre Claver Niyonkuru

Portfolio

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.