Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikigo OBR cegeranije imiriyaridi 65.42 z’amarundi mu kwezi kwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Ikigo OBR cegeranije imiriyaridi 65.42 z’amarundi mu kwezi kwa (...)

Ikigo OBR cegeranije imiriyaridi 65.42 z’amarundi mu kwezi kwa Gitugutu

mercredi 5 Munyonyo 2014

Amafaranga yinjiye mu kwezi kwa Gitugutu mu kigega ca Reta atojwe n’ikigo OBR kijejwe gutororokanya amakori n’amatagisi aharurwa mu miriyaridi 65, 42 z’amafaranga y’amarundi. Muri ico kigo bamenyesha ko barashima ivyo biharuro, kuko kuyo bari biteze muri ukwo kwezi, barengejeko ibice 9,77 kw’ijana.

Mu gihe bari biteze amafaranga y’amarundi agera ku miriyaridi 59,6 muri uku kwezi kwa Gitugutu kwaraye kurangiye, mu kigo OBR kijejwe gutoza amakori n’amatagisi bamenyesha ko umwimbu ushimishije, kuko bashoboye kwegeranya vy’imfatakibanza amafaranga y’amarundi agera ku miriyaridi 65,42. Bagereranije n’ayagera ku miriyaridi 42,21 bari bageranije mu mwaka uheze, muri ukwo kwezi nyene, mu kigo OBR basanga harabaye ugutera imbere.

Tubamenyeshe ko amafaranga ikigo OBR kimaze kwegeranya muri uwu mwaka gushika gusa mu kwezi kwa Gitugutu agera ku miriyaridi 500, mu gihe ico gitigiri mu mwaka uheze bagishitseko mu kwezi kwa Munyonyo.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.