Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikigo OBR kigiye gukorana bidasanzwe n’abagwizatunga - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Ikigo OBR kigiye gukorana bidasanzwe n’abagwizatunga

Ikigo OBR kigiye gukorana bidasanzwe n’abagwizatunga

vendredi 22 Munyonyo 2013

Umukomiseri mukuru w’ikigo gitoza amakori n’amatagisi OBR (Office burundais des recettes ) Holmes Kieran ari kumwe n’umuyobozi w’ikigo CFCIB ( chambre federale de commerce et d’industrie du Burundi, Econie Nijimbere bateye igikumu ku maserano ashiraho urwego baganiriramwo bise CTT(Commission conjointe de travail) ruhurikiyemwo bose, ruzoza rurakorana mu ntumbero yo guteza imbere itozwa ry’amakori yisunze amategeko hamwe no kworohereza abanyamitahe.

Kuri ayo masezerano ashiraho urwego bazoganiriramwo rurimwo abakozi bo mu kigo OBR hamwe na Chambre federale de commerce et d’industrie bateyeko igikumu kuri uyu kane igenekerezo rya 21 munyonyo 2013, uwo murwi uzotuma haba itunganywa ry’ibiganiro hagati y’ikigo OBR hamwe na CFCIB kugira bashobore gufasha abarwizatunga gutanga amatagisi nk’uko bisabwa n’amategeko. Uwo murwi ukazokwiga ibibazo vyari bisanzwe bihari eka ndetse n’ibishobora kuvyuka mu nyuma mu gushiraho ingingo zotuma abatanga amakori babikora neza nk’uko babisabwa n’amategeko. Uwo murwi kandi uzotuma kwiga ibibazo bizoba vyatuwe n’abagwizatunga mu kigo OBR, gutegura amanama yo kwigisha no guhimiriza abatanga amakori n’ibindi.

Econie Nijimbere arongoye CFCIB akaba mw’ijambo ryiwe yamenyesheje ko uwo murwi uzotuma haba imigenderanire myiza hagati ya OBR n’abatanga amakori, ni akaryo kandi ko gushira mu ngiro amategeko ahari hamwe no kurwanya igiturire no kworohereza abanyamitahe mu kazi kabo ka minsi yose. Mu bihugu biteye imbere umurwizatunga bamwita umwami kuko aribo bambere usanga batanga amakori n’amatagisi menshi gurtyo bagateza imbere igihugu ni nayo mpamvu bakwiye gufatwa neza, niko abandanya avuga. Akaba yatanze impanuro ku bari muri uwo murwi yasavye ko bokorera hamwe mu mwumvikano kandi bakaraba ibikenewe gusumba ibindi. Mwomenya rero ko urwo rwego ari urwamaho.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.