Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikigo OBR kigiye gutangira impapuro ziranga ibidandazwa ku mipaka (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Ikigo OBR kigiye gutangira impapuro ziranga ibidandazwa ku mipaka (...)

Ikigo OBR kigiye gutangira impapuro ziranga ibidandazwa ku mipaka y’igihugu

vendredi 22 Ruhuhuma 2013

Kare impapuro zerekana ko ibidandazwa vyavuye mu Burundi zahora zitangwa n’ubushikiranganji bw’ubudandaji. Ariko ubu n’ikigo gitoza amakori n’amatagisi OBR kigiye kuzitangira ku mipaka yose.

Ibirori vyo guhanahana ibikorwa hagati y’ubushikiranganji bw’ubudandaji hamwe n’ikigo gitoza amakori n’amatagisi OBR vyabaye kuri uyu wa kane itarike 21 Ruhuhuma 2013. Vyari vyerekeye impapuro ndangamamuko y’ibidandazwa kugira zizohore zitangirwa ku mipaka yose mu kigo OBR.

Izo mpapuro ndangamamuko y’ibidandazwa ziha uburenganzira abashora ibidandazwa biva mu Burundi bishorwa mu karere ka Afirika y’Ubuseruko EAC. Bituma ivyo bidandazwa bitariha amakori n’amatagisi mu bindi bihugu kubera amasezerano y’isoko rusangi.

Abadandaza bakuye ibintu vyabo vyakorewe canke vyarimiwe mu Burundi bazosanga izo mpapuro ku mipaka ija muri Tanzaniya, mu Rwanda, muri Congo n’ahandi.

Umuyobozi mukuru mu bushikiranganji w’ubudandaji Yeremiya Banigwaninzigo amenyesha ko abadandaza bahora bagira urugendo runini bavuye hagati mu gihugu baja i Bujumbura gusaba izo mpapuro kuko niho honyene zahora zitangirwa. Ngo n’akarusho kadasanzwe kandi bazohungukira umwanya n’amafaranga bahora bakoresha.

Icegera c’uwurongoye ikigo OBR Domitien Ndihokubwayo asigura ko abadandaza bagiye kworoherwa cane kuko batazocoka. Ivyo bakeneye vyose kugira ibidandazwa vyandikwe ko biva mu Burundi bizorangurirwa ku mipaka.

Ikogo OBR ngo kizoca cihutira kwigisha no guhimiriza abadandaza kugira bamenye aho baronderera ivyangombwa. Amenyesha ko hari n’izindi mpapuro za ngombwa zikenewe zimuriwe ku mipaka yosey’igihugu.

Abadandaza ngo ntankeka bagiye gushora hanze vyinshi, ivyo navyo ngo bizotuma haboneka amafaranga menshi y’agaciro hanyuma ubutunzi bw’igihugu bwisununure. Ngo n’abari barahevye urudandazwa kubera urugendo rurerure n’umwanya munini bagiye gusubira kudandaza kandi bunguke.

Domitien Ndihokubwayo ahamagarira abadandaza gukorana neza n’ikigo OBR mu gutanga amakori n’amatagisi kugira ikigega ca Reta kibomboke.

No mu bindi bihugu vy’akarere ka EAC izo mpapuro zitangirwa ku mipaka kugira abadandaza borohorerwe.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.