Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikigo OBR caradugije umwimbu mu mwaka w’2013 naho hatabuze utugorane - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Ikigo OBR caradugije umwimbu mu mwaka w’2013 naho hatabuze utugorane

Ikigo OBR caradugije umwimbu mu mwaka w’2013 naho hatabuze utugorane

vendredi 3 Nzero 2014

Mw’itangazo ryashizwe ahabona n’ikigo kijejwe kwegeranya amatagisi ya Reta OBR, ico kigo kimenyesha ko muri uyu mwaka w’2013, cashoboye kwegeranya amafaranga angana n’imiriyaridi 526 n’ibice bibiri, mu gihe mu mwaka w’2012 ico kigo cari cegeranije ayangana n’imiriyaridi 526 n’ibice bitandatu.

Amafaranga yijijwe n’ico kigo kijejwe kwegeranya amatagisi ya Reta rero, akaba yaraduze ugereranije n’umwaka w’2012, aho yaduze ko imiriyaridi 32 n’ibice bitandatu ni ukuvuga ibice 6 birenga gato kw’ijana (6,2%). Muri ico cegeranyo nyene, ikigo OBR kikaba kimenyesha ko muri uku kwezi kwa Kigarama, amafaranga angana n’imiriyanridi 53 n’ibice indwi ariyo begeranije, bisigura ko muri Kigarama gusa, badugije ibice 11 kw’ijana vy’amafaranga yari ategekanijwe kwinjira muri ico kigega.

Ikigo OBR rero kikaba kimenyesha ko uyu mwaka twaraye dusozereye w’ 2013 utabaye mwiza cane mu gihe ingorane zitari nke zagiye ziribonekeza, aha tukaba twovuga nk’isoko nkuru ya Bujumbura yahiye co kimwe n’ayandi masoko yo hagati mu gihugu yagenda arahura n’umuriro.

Bagereranije n’ukuva mu mwaka w’2010 gushika muri uyu mwaka w’2013 waraye urangiye, bikaba bigaragara ko mu kigo c’ukwegeranya amakori bagiye baraduza umwimbu ukwo umwaka wagenda urahera. Mu mwaka w’2010 hinjiye 362 755 418 651, mu mwaka w’2011 binjiza 471 709 035 341, mu wukurikira w’2012 naho ico kigo OBR kikaba cinjije 526 639 911 325, mu gihe umwaka uheze w’2013, kandi uri mu myaka ubudandaji butifashe neza cane mu gihugu c’Uburundi, ico kigo kitasubiye inyuma kuyo cari cinjije mu myaka iheze, ahubwo cadugijeko umwimbu, 559 241 612 960 ariyo yinjiye.


Aristide Nizigire

Messages

  • Nivyiza kwumva hatojwe menshi, mbe arashikira abo yagenewe? Ni vyiza ko hinjira menshi akomotse mukuduza amakori avuna abenegihugu aribo yokijije ko womengo nioko vyakozwe kugira haboneke ikirenga hamwe turiha nayarikuboneka iyo isoko itari gusha? Ko tuyatanga ntitubone ko natwe ubukene bupunguka? Mutegekanya iki muri Macro-economie.

  • courage OBR! mukora neza ndabemera

  • Mbaje kubaramutsa, vyukuru OBR jewe ndayinenga; kuko naho mwerekana ko mukora neza: Abahomba nabo baguma bagwira,(?kuki OBR Atabiciro yereka umudandaza mukumurihisha??,Umudandaza areganijwe, Nihehe bamureganura??

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.