Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikigo OBR kiramutswa umukomiseri mukuru mushasha - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Ikigo OBR kiramutswa umukomiseri mukuru mushasha

Ikigo OBR kiramutswa umukomiseri mukuru mushasha

mardi 8 Mukakaro 2014

Ikigo gitoza amatagisi OBR kiramutswa umukomiseri mukuru mushasha Dr Philippe Domitien Ndihokubwayo, uwo nawe akaba asubiriye Holmès Kieran aheruka kurangiza ikiringo ciwe c’imyaka ine.

Domitien Ndihokubwayo, umukomiseri mukuru mushasha w’ikigo OBR afise impyamabushobozi (doctorat) yaronkeye mu gihugu c’Ubudagi muri kaminuza westfalische wilhems –universitat Munster. Domisiyano Ndihokubwayo yize ibijanye n’imico n’ubwoko (ethnologie ) ,(ibijanye n’imibano (sociologie ) hamwe na Economie Politique. Kuva mu mwaka w’2005 gushika mu mwaka w’2007 yakorera ishirahamwe Care international, yararongoye kandi umurwi wari ujejwe kurondera ku vyerekeye ikibazo c’amatongo mu Burundi, imbere y’uko aja kuba ico bita’’ doyen’’ mu gisata c’amategeko, ivyigwa vyerekeye ubutunzi hamwe n’intwaro muri kaminuza y’i Ngozi.

Kuva mu kwezi kwa Ndamukiza 2004 gushika mu kwezi kwa Nyakanga 2010, abifadikanije n’ibikorwa vyo guhanura ico bita mu rurimi rw’igifaransa’’ consultance’’, yarakoze kandi nk’umwigisha mu vyigwa bijanye n’itunganywa ry’amashirahamwe (management, gestion des petites et moyennes entreprises , Entrepreneuriat, gestion des ressources humaines) n’ibindi. Domitien Ndihokubwayo yashitse mu kigo OBR avuye mu bushikiranganji bujejwe iterambere ry’amakomine (Ministère du plan et du développement communal) aho yari umunyamabanga ntayegayezwa guhera mu kwezi kwa Nyakanga 2010.

Tubamenyeshe ko Domitien Ndihokubwayo umukomiseri mukuru mushasha w’ikigo gitoza amatagisi OBR asubiriye umuzungu Holmès Kieran, uwo nawe mu kwezi kwa Ruheshi akaba ariho yarangiza ikiringo ciwe c’imyaka ine. Domitien Ndihokubwayo akaba ari we yahora ari icegera ca Holmes Kieran. Ubu akaba amukoreye mu ngata.


Floxella Karire

Messages

  • Basi, biraheze, n´utwo twahora turonka tuzoca tuyoyoka kuko isiha ziraje zinjire muri OBR. Vive le désordre àla CNDD/FDD bientôt àl´OBR. Muzoba mumbwira.

  • Asha karabaye noenho!Isiha yinjiye mi kigega!Amahera azokora amatora yo muri 2015 arabonetse.Barundi barundikazi bamuritegura no kurihira amazu mu bamwo.

  • Mbe we ko umengo ni we uzi ABA DD gusumba abandi!Womenya itaraza, le concept de vol n’existait pas au Burundi? Ba wihangana ncuti yanje iyo DD MUYIKURE MUKANWA ahubwo muyirutishe ibikorwa,bitandukanye n’urwamo, murabe ko tutabemera.Atari uko iyo DD nyene ibatsinze ikiriko!

  • @ Kami,mbe nkabirya vyabaye muri 2010 muvyita "gutsinda"?Intsinzi nkazirya n’aba Sadamu Hussein,ba Kaddafi,Mobutu barazigira!Ubona iyaba biyemerana ubukomezi ntibari kubikora mu muco!Nimba na 2015 ariko mwiteguye gitsinda Imana ibababarire ni nk’uko mutazoba muzi ivyo mukora.Hanyuma,uvuze ukuri kuko kuva na kera bariba ariko ntaho bisana n’uy’umusi.Ngo harabaho ingere n’agaheta.Ubu ho,barahevye baciramwo n’ukuguru.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.