Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikimashini gishasha co gufata amaraso abantu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Ikimashini gishasha co gufata amaraso abantu

Ikimashini gishasha co gufata amaraso abantu

jeudi 1er Myandagaro 2013

Ikimashini gishoboye gufata amaraso atakwihenda na rimwe umutsi kiriko kirakorwa. Ikigo c’ubushakashatsi citwa Veebet kikaba catanguye kugerageza ubwo buhinga.

JPEG - 17.3 ko
uburyo bwa none, aho imashini iriko ifata amaraso

Haharurwa imiriyoni 2 z’inshinge ku mwaka zicumitwa abagomba gufatwa amaraso. 25% muri izo miriyoni 2 usanga bidakunda ko ku ncuro ya mbere hafatwa amaraso. Aho ntihavuzwe inshinge zitamenyekana. Ivyo bigasigura ko umuntu aba acumitiwe ubusa urushinge, ababariye ubusa. Ni kuri iyo mvo ishirahamwe Veebot, rifatiye kurivyo biharuro, ryatanguye gukora ikimashini gifise ubushobozi bwo gufata amaraso ku ncuro ya mbere kitihenze. Ivyo rero kugira abantu bagabanurirwe ububabare baterwa n’inshinge. Veebot rikaba ryemerera abantu ko ukwihenda kuzoabanuka, umwanya wo gufata amaraso ugabanuke, kandi umuntu afatirwe amaraso anonokewe gutwo ndetse n’ibitaro bihungukire amafaranga.

JPEG - 19.7 ko
Uburyo busanzwe bwo gufata amaraso

Uko ubu hafatwa amaraso bizoba bitandukanye cane n’ubwo buryo bushasha. Umuntu ngo azoshira ukuboko ku kantu kameze nk’akamatera, hama ico kimashini kiri hejuru yukwo kuboko kice cihweza neza imitsi iri muri ukwo kuboko. Ico kimashini kizoba gifise ikuma gafata amasanamu gakoresha imishwarara itukura (rayons infrarouges). Gutwo ico kimashini kibone umutsi mwiza ukwiye gufatwamwo amaraso muri uwo mwanya.

Ubwo buhinga bukiryohorwa buramaze kugeragezwa. Bukaba bwerekana ko ico kimashini ko ubushobozi bwaco bwo kutihenda bugera kuri 17%. Ubushakashatsi bukaba bubandanya muri Veebot kugira ico kimashini gushike ku rugero rwo kutihenda gushika kuri 90%. Aho rero ngo niho ubwo buhinga bwo gufata amaraso buzoshobora kugeregezwa ku bantu. Intumbero y’ubwo bushakashaytsi akaba ari uko umunsi umwe vyoshika ico kimashini cosubirira umuforoma mu kazi ko gufata amaraso.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.