IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > "Ikinyamakuru kizohengama, kizogorozwa amategeko"

"Ikinyamakuru kizohengama, kizogorozwa amategeko"

mardi 5 Munyonyo 2013

Mu ruganda rwari rwateguriwe abakuru b’ibinyamakuru mu Burundi, basabwe ko bokora akazi kabo neza gurtyo ubunenge bwama buriko buratorwa babusezerere, ndetse bakaba babwa n’ugutanga inkuru ikwiye ku neza y’igihugu n’abanyagihugu.

Kuri ivyo, umukuru w’urwego rw’igihugu rwo gucungera ukwo ibinyamakuru bikora Petero Bambasi, asaba abarongoye ibinyamakuru ko bokurikiranira hagufi amakuru aba ariko aratangwa mu binyamakuru barongoye, kuko kenshi hari uguhengama kwibonekeza kwa bimwe mu binyamakuru, aho usanga bitanga inkuru idakwiye, bitwaje ko hari umuntu bamurondeye baramukena. Avuga ko ico kitoba icitwazo kuko inkuru ikwiriye, igatangwa neza, ifasha ikintu gikomeye mu gihugu.
Yabandanije asaba ibinyamakuru vya Leta n’ivyigenga ko bose boza baraha ijambo abantu bose atagucagura, eka ndetse n’ugukosora utunenge twose kugira baze bafashe mu matora yo mu mwaka w’2015, atangorane zibonekeza mu mwuga wo kumenyesha amakuru mu Burundi.

Ku kibazo kijanye n’ibinyamakuru vyidogera itegeko rishasha rigenga umwuga wo kumenyesha amakuru, ndetse bakavuga ko iryo tegeko batarota barikurikiza, Petero Bambasi avuga ko iryo tegeko ryateweko umukono ku wa 4 Ruheshi uyu mwaka, ari ryo rikoreshwa muri iki gihe. Kuba hari bamwe baritoye ubunenge avuga ko ari ibisanzwe, ariko bariko barisunga muri iki gihe, mu kurindira ko sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro igira ico ivuze ku rubanza rwashingishijwe na bimwe mu binyamakuru ku bijanye niryo tegeko. Ariko kandi avuga ko ivyiza muri ryo birimwo. Aha avuga nko kurekera ubwigenge abanyamakuru, ikigega c’abamenyeshamakuru, n’ibindi.

Bambasi rero akaba arangiza asaba abamenyeshamakuru gukurikiza amategeko, ko uwuzonyerera canke agahengama, bazomugorora bisunze amategeko. Akaba avuga ko urwego arongoye rukurikiranira hagufi ibikorwa vy’ibinyamakuru vyose muri rusangi.


Aristide Nizigire

Messages

  • Erega pierre bambasi ni wamuhungu wa waruyuzi ashaka ivyo bakora ntibimenyekane nsaba ibimenyeshamakuru mutange inkuru yose mwumvise ikwiri kuko abo bagabo ntakindi bashaka atari ugusubiza demukarasi inyuma ico bazi barazi niguterera abantu muri rusizi.

  • @Esron uvuze ukuri !! ibinyamakuru ntibize bigire ubwoba, muze muraduha inkuru atabwoba

    murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.