Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikirangaminsi gishasha c’amatora cashikirijwe n’umukuru w’igihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Ikirangaminsi gishasha c’amatora cashikirijwe n’umukuru w’igihugu

Ikirangaminsi gishasha c’amatora cashikirijwe n’umukuru w’igihugu

mercredi 10 Ruheshi 2015

Umukuru w’igihugu yateye umukono kw’itegeko rishinga ikiranga minsi gishasha c’amatora.

Iryo tegeko ry’umukuru w’igihugu ryateweko umukono kuwa kabiri igenekerezo rya 9 Ruheshi,rimenyesha ko amatora y’abajenama b’amakomine n’abashingamateka azoba kw’igenekerezo rya 26 Ruheshi,imyiyamamazo nayo igatangura kw’igenekerezo rya 13 Ruheshi,isaha cumi na zibiri z’igitondo,ikazohera kw’igenekerezo rya 26 Ruheshi isaha cumi na zibiri z’umugoroba.

Amatora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe kw’igenekerezo rya 15 Mukakaro,imyiyamamazo izotangura kw’igenekerezo rya 25 Ruheshi isha cumin a zibiri z’igitondo, irangire kw’igenekerezo rya 12 Mukakaro,isaha cumi na zibiri z’umugoroba.

Amatora y’abakenguzamateka yashizwe kw’igenekerezo rya 24 Mukakaro,imyiyamazo nayo itegekanijwe kuva kw’igenekerezo rya 5 Mukakaro gushika kura 21 Mukakaro isaha cumi na zibiri z’umugoroba.

Iryo tegeko rigahamagarira imigambwe yose hamwe n’inani z’imigambwe canke z’abigenga gushikana ibisabwa mu murwi utegura amatora CENI, kuva kw’igenekerezo rya 10 gushika kurya 24 Mukakaro.

Mwomenya ko ico kirangaminsi gishasha cateweko umukono n’umukuru w’igihugu n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu,gisa n’icari catanzwe n’umurwi CENI,ariko abatavuga rumwe na Reta bakaba baraciyamirije,bavuga ko catanzwe n’umurwi utisunze amategeko.


Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.