Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imbonerakure zisabwa guheba zikikura iceyi ziterwa n’abari muri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Imbonerakure zisabwa guheba zikikura iceyi ziterwa n’abari muri (...)

Imbonerakure zisabwa guheba zikikura iceyi ziterwa n’abari muri zo

jeudi 3 Ndamukiza 2014

Umuhari wa JRR mu gisagara ca Bujumbura umenyesha ko urarajwe ishinga n’ivyo wumva hirya no hino mu gihugu aho, mu gihe amashirahamwe yigenga ariko aratanga inyigisho nziza z’inyifato ibereye, urwaruka ruhurikiye mu migambwe rwofata ; abandi baba bariko barahungabanya umutekano.

Umushingwamanza Patrick Nitegeka arongoye JRR i Bujumbura

Nk’uko umushingwamanza Patrick Nitegeka abimenyesha mw’itangazo yashize ahabona, amenyesha ko umuhari Mparaniramajambere wa Rwagasore uteye ivyatsi ibimaze iminsi bishika mu ntara ya Kirundo, aho urwaruka rwo mu migambwe ya UPRONA, ADC-IKIBIRI, FRODEBU-Nyakuri rumaze imisi rusotorwa n’urwaruka rw’Imbonerakure ruhurikiye mu mugambwe CNDD-FDD.

Batanga nk’akarorero ko muri Komine Kirundo, aho urwaruka rwa Frodebu umunani rwakubiswe, murabo babiri bagakomereka cane. Akandi karorero ni aho muriyo ntara nyene, urwaruka rwa UPRONA rwamaze imisi rutarara mu mihana iwabo, mu ntumbero yo kwicungera ibitero vy’izo Mbonerakure. Iyo nyifato rero y’urwo rwaruka rw’Imbonerakure rusotora abandi bahurikiye mu yindi migambwe, ikaba iterwa ivyatsi. Aba JRR bagasaba urwaruka rw’Imbonerakure rwoba rutahura akamaro k’ubumwe n’umutekano mu gihugu, ko bohaguruka bakarwanya inyifato mbi ya bene wabo, bahungabanya umutekano w’abandi, kuko igihugu ari ica bose; kandi bamenye ko guhungabanya umutekano, uba uriko urisamburirako ! « Ahari umugabo hashira umugayo».

Imbonerakure za CNDD FDD

Muri iryo tangazo bagira bati :’’Twizera ko mu muhari w’imbonerakure hatabuze abaseserejwe nico ceyi bambikwa uko bukeye uko bwije. Tubasavye kuvyura akaranga k’ubuntu n’ubushingantahe kugira iryo bara rihagarikwe mu gihugu. Tuboneyeho akaryo ko gukeza urwaruka rwo muri Kaminuza y’uburundi ko rwashoboye gufundika ijambo ruri hamwe naho ruva mu migambwe itandukanye. Ivyo vyerekana ko rwatahuuye yuko burya turi bamwe, ingorane iyo zidushikiye ntizivangura Imbonerakure n’abandi.’’

Umushingwamanza Nitegeka Patrick arangiza amenyesha ko akarorero k’ubumwe abanyeshure bo muri za kaminuza za Reta berekanye, kari gakwiye kubera icigwa urwaruka ruri mu ntara, kugeza no mu mitumba. Basaba Reta kunyarutsa gusubiramwo ingingo yafashe kugira abana b’Uburundi basubire ku bikorwa.
Basaba kandi amashirahamwe yigenga yihaye intumbero yo kwigisha inyifato ibereye urwaruka ruhurikiye mu migambwe, ko atocika intege mu gikorwa ciza bariko barakora, narirya turi mu bihe bitoroshe vyo kwitegurira amatora.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ibiriko biraba vyose mugihugu c,uburundi,bitegwa ninyifato mbi yintwaro yabatutsi ,mwebwe abatutsi mushaka kwiyobagiza ikiringo cimyaka40 mucura bufuni nabuhoro abahutu na batwa,none unve nimwe muba abambere kuvuza induru ngo vyayangaye vyayangaye.iyo muba mwamaramara mwari guhora.kandi turiko turakurikirana uvyomurimwo gutegura vyose,ntimuhirahire ngo musubire kwiyunvira intambara yokumara abantu,kuko ntimwokworohegwa nukuri,nimureke kudutoneka mubikomere mwadukomerekeje mwa batutsimwe,kandi jewe ndabakunda,ariko inyifato mushaka kugumana mumibanire sinziza,nimuhindure twibanire mumahore,tureke kwitana bamwana,dukure gusuzugurana,nukuri agasuzuguro niko kakiri mumitwe yabatutsi bamwebamwe,ari sibase,nibamwebamwe badashaka guhinduka,nuguhindura ingendo.

  • Wewe Rutovu:bawandika ubiga uti jewe muhutu RUTOVU ntusubire kuva ngo twebwe abahutu kuko ntawagutumye

  • Manipulations abarundi dukwiye kubohoka ntitwane turonderera muri kahise, turabe ahubwo imbere tubohore igihugu cacu. Abashaka guta igihugu mu ndyane bakoresheje fil ethnique nayandi macakubiri tubasabiye umuriro uvuye mwijuru ubaturire bose mwizina rya Yesu kuko numuhogo wa satani bakoresha

  • WE RUTOVU WICURA AGAKENGERE NKA WEWE NTACO WOMARA..ABARUNDI TUGEZE MURI DEMOCRATIE ..MBE HABAYE IKINTU TWANKA KUKI BAMWE BAKOBONA MU BWOKO..EREGA CVR KO ITABAYE NA JUSTICE TRANSITIONNELLE MUSHAKA KUGUMA MUVYITWAZA,,,NONE NKURUNZIZA NI WE MUKURU W ABAHUTU GUSA!!!!NONE NTA BANDI BAHUTU BAHARI,,KURA INKONDA Z AMACAKUBIRI!!!

  • Rutovu, mama,Giramahoro... aho ntiwohindura ivyiyumviro!Naho uhindura izina ntuyoberana !!Birakugoye ayo macakubiri yawe.Ntagufatira muri rusangi kandi ntabwoko bukora ikibi bwose ni bamwe kandi barikurushi! Abo si abahutu canke abatutsi ni inkozi z’ikibi!Ushaka kubavuga bavuge amazina ureke kwambika iceyi ubwoko bwose!Aho usanga nawe bavuze abatwara utarimwo!None ufata ingingo iyahe kugihu?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.