Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imfashanyo zemerewe Reta ziza isorosoro-PARCEM - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Imfashanyo zemerewe Reta ziza isorosoro-PARCEM

Imfashanyo zemerewe Reta ziza isorosoro-PARCEM

samedi 22 Kigarama 2012

Ishirahamwe PARCEM ryishinze gukangurira abarundi no guhindura ingendo rivuga ko Reta yokwisuzuma kugirango imenye imvo zituma abayemereye imfashanyo batihuta kuziyishikiriza. Ryabimenyesheje mu kiganiro ryahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kane igenekerezo rya 21 kigarama 2012.

Faustin Ndikumana aserukira ishirahamwe PARCEM imbere y’amategeko afatira kw’iraporo y’igice ca gatatu c’uwu mwaka turimwo. Ku mafaranga imiriyaridi 560 y’amarundi igihugu categekanya kuronka muri uyu mwaka w’2012, imiriyaridi zirenga 520 yari ingabire. Ariko gushika igenekerezo rya 30 Nyakanga, imiriyaridi zirenga 100 gusa nizo zari zimaze gutangwa, n’ukuvuga ibice 19 kw’ijana.

Kubwa PARCEM, uko kwisubirako kw’abafasha u Burundi ngo bikaba bifise ingaruka mbi nyinshi cane k’ubuzima bw’abanyagihugu n’ubutunzi bw’igihugu. Haca hibonekeza ikena ry’amafaranga y’agaciro, ifaranga ry’u Burundi naryo nyene rica rita agaciro, imigambi y’iterambere imwe imwe ica ihebwa, n’ibindi n’ibindi.

Faustin Ndikumana akaba yibaza rero ukuntu Reta izoshobora kurangura umugambi w’iterambere CSLP II mu gihe ababufasha boguma bakwega amaguru mukuyiha imfashanyo. Ngo ntaworeka kugira ubwoba mu gihe umushikiranganji w’ikigega ca Reta aheruka kumenyesha ko ibice 60 kw’ijana vy’amahera Reta izokoresha mu mwaka uza bizova mu mfashanyo zo mu mahanga.

Kubera ko amayegereyegere agirwa n’abakozi ba Reta basinzikaza ubutunzi bw’igihugu busanzwe bwifashe nabi, ishirahamwe PARCEM risaba Reta ko yogirana ibiganiro n’amasendika kugirango abanyagihugu ntibarwe mu mporero. Risaba kandi Reta ko yokwisuganya neza kugirango imihango yose yabayifasha yabereye i Genève ije mu ngiro. Amasendika nayo iyasaba kwitaba ibiganiro hamwe na Reta yisunze ibihe biri mu gihugu.

Tukibutsa ko yegereyegere y’abaforoma n’abandi bakozi bakorera m’ubuvuzi bakaba bahurikiye muri sendika SYNAPA imaze amayinga arenga atatu. Umuti nawo Reta yatoye akaba ari ukubarungikira abapolisi birukana abo bose batariko barakora ngo batahe iwabo. Iyo ngingo ikaba yatumye mu bitaro vyinshi n’ibikorwa bibayabaye bica bihagarikwa.

Kw’ifoto:Faustin Ndikumana, aeongoye PARCEM


René Dieudonné Kamaro

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.