Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imibonano hagati y’umurwi CENI n’abegwa n’ikibazo c’amatora igiye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Imibonano hagati y’umurwi CENI n’abegwa n’ikibazo c’amatora igiye (...)

Imibonano hagati y’umurwi CENI n’abegwa n’ikibazo c’amatora igiye gutangura

vendredi 5 Nyakanga 2014

Imibonano igiye gutangura hagati y’umurwi CENI hamwe nabo bose ikibazo c’amatora kiraba, bikazorangizwa n’ishirwaho ry’aya mirwi CEPI ijejwe amatora mu ntara.

Umukuru w’umurwi ujejwe gutegura amatora CENI amenyesha abarundi ko umurwi arongoye wamaze gutegura ikirangaminsi c’ibikorwa bijanye n’amanama yo kuvugana n’abo bose begwa n’amatora yo mu mwaka w’2015. Iyo mibonano ikaba ifise intumbero yo gushiraho imirwi CEPI (Commissions Electorales Provinciales Independantes). Umukuru w’umurwi CENI, Petero Karaveri Ndayicariye, yamenyesheje ko bishimikije amategeko asanzwe agenga igihugu, na cane cane ibwirizwa rigenga amatora hamwe n’itunganywa ry’umurwi CENI, bagiye gutegura amanama yo kubonana n’abo bose bariko bafashanya gutegura amatora yo mu mwaka w’2015. Umurwi CENI uhura n’abakuru b’imigambwe kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 5 Nyakanga 2014. Kuwa 9 Nyakanga, umurwi CENI uzohura n’abasanzwe bari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike. Ku munsi wa gatatu naho igenekerezo rya 10 Nyakanga 2014, azohura n’abarongoye amashengero.
Umukuru w’uwo murwi amenyesha kandi ko bazohura n’abasanzwe barongoye idini ry’abisiramu mu Burundi kuwa 11 Nyakanga. Ayo manama azorangira kuwa 12 Nyakanga 2014, aho umurwi CENI uzohura naba buramatari b’intara. Umurwi CENI umenyesha ko umaze kurungika ubutumire kugira ico gikorwa kize kigende neza.

JPEG - 41.6 ko
Petero Karaveri Ndayicariye, umukuru w’umurwi CENI ujejwe gutegura amatora

Petero Karaveri Ndayicariye yaciye yibutsa ko umurwi CENI ariwo wonyene ujejwe gutegura amatora ku rwego rw’igihugu, ubifashijwemwo n’ama CEPI ku rwego rw’intara hamwe na CECI ku rwego rwa komine. Umukuru w’umurwi CENI amenyesha ko muri iyo mirwi, abazojamwo bazotorwa n’abatari mu migambwe. Yamenyesheje kandi ko igitsina hamwe n’ubwoko bizofatirwako, nk’uko ibwirizwa shingiro ry’igihugu ribivuga.
Ku cerekeye abo bita "acteurs politiques", umukuru w’umurwi CENI yamenyesheje ko ata na hamwe iryo jambo riri mw’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.