Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imicafu yabaye umurengera mu masoko y’i Bujumbura - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imicafu yabaye umurengera mu masoko y’i Bujumbura

Imicafu yabaye umurengera mu masoko y’i Bujumbura

vendredi 4 Nzero 2013

Iruhande y’isoko ya Jabe hagati mu gisagara ca Bujumbura yugarijwe n’isuku rike kuko hari umucafu mwinshi. No muyandi masoko ni nk’uko. Abadandariza muri ayo masoko basaba ko igisagara ca Bujumbura cokura uwo mucafu.

Umwe mu bandandaza avuga ati "Kuva aho ubuyobozi bw’igisagara bufatiye ingingo yo gusambura utuzu dutoduto tw’uburiro n’utundi dukorerwamwo ibikorwa bitandukanye iruhande y’isoko twari tuzi ko isuku rizoba umurengera. Ariko twaratangaye kuko siko vyagenze. "

Uciye hirya no hino y’amasoko atandukanye nka Jabe, buyenzi, kamenge, Ngagara, kinama no hagati mu gisagara ca Bujumbura usanga hanuka kuko hari ibisigazwa vy’ibidandazwa,ibiribwa,ibishishwa,ibishambara n’ibindi. Hari udusozi tw’imicafu tubuza n’abantu canke imiduga kurengana,urusazi ruduma.

Iruhande yaho hadandarizwa ivyamwa,indagara,imboga,impuzu n’ibindi.
Abana bo mw’ibarabara n’abantu ba ntahonikora baguma basuragura baronderamwo ivyo barya canke amakara bagurisha.

Abadandaza bo muri ayo masoko basaba ko iyo micafu yokurwaho kuko ngo ishobora kubatera ingwara kandi ngo n’ababashorera ntibaza, batinya umunuko.

Mu buyobozi bw’igisagara ca Bujumbura hasanzwe hariyo igisata co gusukura igisata citwa SETEMU ariko ngo nta buryo gifise.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.