IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imiduga yunguruza abantu bava i Bujumbura baja i Kigali yankiwe (...)

Imiduga yunguruza abantu bava i Bujumbura baja i Kigali yankiwe gukora

samedi 6 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Abantu biyunguruza mu miduga y’amashirahamwe yunguruza abava i Bujumbura baja mu Rwanda, ntibashoboye gufata ingendo bari bateguye kuva mu gatondo ko kuri uwu wa gatandatu. Abaporisi benshi bazindutse kwugaza ahakorera ayo mashirahamwe kw’isoko kwa Siyoni.

Abakozi bakorera ayo mashirahamwe yunguruza abantu baja mu Rwanda ntibabwiwe impamvu y’ukwugara, imiduga yose yari kwunguruza abagiye mu Rwanda ikaba itakoze. Abari baguze amatike bakaba basivye ingendo bari bateguye, bakagira amakenga ko bashobora n’ukutazosubizwa amafaranga yabo.

Tubibutse ko imbere y’aho gato, kuva ku munsi wa kane, imiduga y’amashirahamwe yunguruza abantu abakuye mu Burundi baja mu Rwanda yankiwe kujabuka urubibe Uburundi buhana n’Urwanda. Igiporisi c’Uburundi kijejwe uruja n’uruza ku rubibe (PAFE : Police de l’Air des Frontières et des Etrangers) cabujije kwinjira mu Burundi n’imiduga ivuye i Kigali. Ku rubibe Uburundi buhana n’Urwanda, abantu bakaba bajabuka n’amaguru baja kurondera izindi modoka zibinjiza mu Rwanda.

Mu giporisi c’Uburundi basiguye ko iyo ngingo yafashwe kugira bashire mu ngiro ivyasabwe na Reta y’Uburundi ko ata vyimburwa mbumbarugo vy’Uburundi vyosubira gusohoka Uburundi, bijanwe kudandazwa mu bihugu bibanyi. Nk’uko mu giporisi babivuga, imwe muri iyo miduga ntiyubahiriza iyo ngingo, ikagirizwa ko ibandanya kujabukana ivyo vyimburwa vy’Uburundi.


IGIHE

Messages

  • Barundi barundikazi kuva ryari Coaster itwara ivyimburwa?!?CNDD iri gusotora u Rwanda kandi bitari kera bazorubona, embargo economique kubidandazwa bijabuka bija mu Burundi biciye mu Rwanda

  • Ndibaza Ko Vyose Bifise Imvo.Ntakibera Ubusa.Vyose Ni Mana.

  • Uburundi ntibuteze gutera imbere mu gifite imyumvire yubujiji amoko nuturere. Ibyo twe tumaze imyaka 20 tubivuyemo abategetsi banyu niyo ikiro cyisukari cyagura ibihumbi 10 bazakigura ariko se umuturage wo hasi we bizagenda bite ? Ibihumbi 100 byamarundi biravunja ibihumbi 25 byamanyarda none Leta yanyu iri kubabuza gucuruza nutwabahaga udufaranga mwavunjaga mu marundi mukabyungukiramo akumiro nukuyoborwa ni njiji koko. Gufungira ibihingwa byazaga mu rda bivuye Uburundi ntangaruka nta nkeya bizateza economy y’u rda. Gusa Abarundi turi abavandimwe ikibazo nizo njiji ziri kubabeshya

  • Mukoze uko mzoba muriko muratsimbataza amahoro numutekano kuko muriyo miduga ntiyunguruza intama gusa ingwe ni ntare ziboneraho oo!!.

  • naj ndabikunze kuba reta yacu yanyakubahwa petero nkurunziza yafashe iyongingo.

  • U Rwanda rumaze kubasiga kure rwose ahubwo ndi nkamwe mwatureberaho tukabigisha uburyo igihugu kiva mu kajagari kiva ibuzimu kijya ibuntu. Kudukupira amamesa indagara nimbuto siwo muti rwose kko tuzabitumiza nahandi TZ Uganda nahandi ikibazo si amafaranga tubuze, ahubwo abategetsi banyu bagiye kubicisha inzara kbsa kko si abanyarda bazahahombera ahubwo ni abacuruzi banyu banyuraga mu rda bagiye kurangura Uganda none bazajya bacahe? Icyerekana ko Uburundi bukura nkisabuni uza buja hashira imyaka 10 ukayisanga uko wayisize ntacyahindutse akajagari, umwanda nibindi none naho mwakuraga udufaranga twanyu abategetsi banyu binjiji barabakupiye. Mba ndoga rwema muzabibona nzabagaya nimwisubiraho ariko ubugabo butisubiraho bubyara ububwa. Abarundi ntacyo dupfa turi abavandimwe.

  • Abantu muribijuju,unomunsi reta,yachu,yugaye,umupaka,mutanguye,kuyivuganabi,Tanzania baranse,ko,ata,kintu,nakimwe,cokurya,gisohoka,igihugu,namajambo,yuburofa,yavuzwe.kugira,bafate,iyo,ngingo,nukobabonye,ingene,bimeze,nakare,intama,ni,fyisi,nibija,hamwe,ahubwo,noshima,basohoye,itegeko,ko,boyugara,imipaka,yose,hanyu,kagame,tumurabe,ivyiwe.,yibaza,ko,uburundi,bumeze,nka,congo,bwo,bwo,biri,nabagabo,baha,bona,jewe,ndi,nka,nkurunziza,nomuretse,akinjira,hanyu,bamaze,kwinjira,nkamwereka,ko,tumusumba,ingabo,ibombe,yambere,ikamusanga,iki,gali,niho,yoca,atekereza.izonbwa,zabanyarwanda,tukazira,ivyo,zikora.

  • Noneko Tanzanie Yugay’itungaryayo,uburundinibwobwocaburekumwimbuwabw’ugasesagurika?Retanihigamagufuritwiyugariramatungoyacu

  • eeh tuzobafatira ibihano mpaka mwebwe nayo mafaranga yagira agaciro kubera ivyo mwatugurira intica ntikize ahubwo nimurungike ba barwanyi mwirigwa muraforoma tubamese ego kagame ariwe kagome tuzakubagira ibisiga pe!!!!!!

  • @yusufu karitsiye zitarenze 3 mu mujyi wa Bujumbura zarabananiye kuzisubiza ku murongo none ngo urashaka izamarere!!!!! Hhhhhhhhhh ndagusetse kbsa mubanze mucyemure akajagari kari iwanyu igihugu cyuzuye umwanda haraho wabonye ihene ziza kurisha kuri tanganyika. None ngo murashaka umuriro hhhhhhhhhhhhhhhhhhhhhhhhhhhh

  • Nimwihangane,tuzopfa Twipfire,mupfa Mwipfire Ntawubasavyimfashanyo ! Agasozi Kamwe Karwaye, Akandikakariko Karaha% Nimureke ,ivyu Burundi Nimurabe Ivyu rwanda Ubwosi Ubushingahe Kuvugamenshi Sikuvuga Ukuri Nimucemake. Ntahozodushira Ntahotuzobashira Abaru Ndituzosaza Turiabarundi.Abanyarwanda Muzosaza Muri Aba Nyarwanda?

  • @Yusuf nonese yokwinjira mu Burundi ashaka iki?
    yinjiye mu Rwanda kugirango uwari yagizwe impunzi kuva mumyaka 30 ishize asubire mu gihugu cyiwe yarabirwaniye arabitsindira
    yakwinjira mu Burundi hoho ashaka iki? tababwiye ngo hazagire nuwegera umupaka gato arebe ibimubaho , kanatsinda namwe mwamwumviye kuko muramokera aho muri nkimisega, vs ete petit jouer muri politic

  • Abarundi turindire ko za camions zihora zituzanira ibidandazwa biva kenya ziciye mu rwanda ko abanyarwanda bazisubiza inyuma gutinya ko zishobora kuza zipakiye interahamwe. Turindire nitwe twabitanguye, emwe dutwawe nibijuju.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.