IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imifuko 38 ikekwa ko ari isukari yafashwe n’igipolisi

Imifuko 38 ikekwa ko ari isukari yafashwe n’igipolisi

vendredi 27 Ruheshi 2014

Imifuko y’isukari 38 niyo yafashwe n’igipolisi mu ntara ya Muramvya, abadandaza 11 nabo nibo bafashwe barahagrikwa mu ntumbero y’amatohoza, bakaba biketswe kuba badandaza ya sukari imaze iminsi ivugwa yoba ibangamira amagara y’abantu.

Igipolisi kikaba cafashe imifuko 38 y’isukari mu ntara ya Muramvya ,abadandaza nabo 11 nibo baciye bafatwa baca barafungwa, kugira bagirekwo amatohoza kuri iyo sukari ivugwa, nk’uko amakuru dukura kw’insamirizi y’abanyagihugu abimenyesha. Mu Bukeye hafashwe abadandaza 5, mu Gatabo naho hafatwa abadandaza batandatu. Icatumye bikeka abo badandaza nuko iyo sukari yoba yari itekeye mu mifuko iriko ivyandiko bitameze nk’iyisanzwe ikorwa n’ishirahamwe Sosumo.

Mu gipolisi co ngaho i Muramvya bavuga ko bashimye gusaka mu ntumbero yo gukingira abanyagihugu kuko iyo sukari bivugwa ko yoba iteye amakenga ku magara y’abantu ,ikindi naco cabibatumye ni mu ntumbero yo gukinga, kugira mu minsi iza ishirahamnwe sosumo ntirizohave ribura abarishorera isukari.

Tubibutse ko ikigo BBN (bureau burundais de normalisation et contrôle de la qualite ) kijejwe kugenzura akaranga k’ibidandazwa n’amategeko abigenga hamwe n’ishirahamwe ABUCO baherutse gutera akamo abaguzi ko hari isukari iriko irakoreshwa bitaramenyekana amamuko yayo, ishobora kubangamira amagara y’abaguzi , iyo sukari ikaba ikoreshwa na cane cane mu bitumbura, imikate hamwe n’imfungurwa zikozwe mw’ifu y’ingano.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.