IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imigambi y’ikimpumbi ntizoshikwako ba ntahonikora batitaweho

Imigambi y’ikimpumbi ntizoshikwako ba ntahonikora batitaweho

jeudi 17 Gitugutu 2013

Igenekerezo rya 17 Gitugutu uko umwaka utashe, kw’isi yose barahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya inzara.Mu Burundi, uwo munsi ukaba wahimbajwe ku civugo "Dusenyere ku mugozi umwe atawe twinuvye, kwishimikiza ubuhinga n’ubumenyi vy’abantu baba mu bukene budasanzwe".

Umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya ubukene watanguye guhimbazwa mu mwaka w’1993, igihe inama kaminuza mpuzamakungu yakorana, ishinga uwo munsi kugira ikibazo kijanye n’ubukene kiranduranwe n’imizi mu bihugu vyose vyo kw’isi. Ikibazo co kurwanya ubukene kikaba kiri mu ntumbero nyamukuru mu migambi ya Leta yo gushika kw’iterambere rirama n’inyuma y’umwaka w’2015.

Mu Burundi, ibirori vy’uwo munsi muri uyu mwaka w’2013 vyatunganjijwe n’ubushikiranganji bw’ugufatana mu nda bufadikanije n’ishirahamwe mpuzamakungu PNUD, bikaba vyabereye mu ntara ya Bujumbura Rural, komine Isale, kuri site ya Rugaragara aho hashikirizwa ku mugaragaro inzu zigera kuri 50 kuri bantahonikora bo muri ako karere.

Umushikiranganji wo gufatana mu nda Clotilde Niragira ari kumwe n’umuyobozi w’ishirahamwe PNUD bakaba bari bahishikiye, ari nabo bashikirije ku mugaragaro inzu 50 zububatswe n’ishirahamwe PNUD, kuri ba ntahonikora. Inyuma y’ico gikorwa co gushikiriza amazu kuri ba ntahonikora, bitegekanije ko abo bategetsi baca bashira ibuye rya mbere kw’isoko nshasha rya komine Isale rigire ryubakwe.

Amashirahamwe mpuzamakungu asanzwe anashigikira ama Leta mu mugambi wo kurwanya ubukene, yihaye intumbero yo kwongerereza inguvu kugira ashike ku hangiro ry’ikimpumbi ryo kurwanya ubukene hamwe no gusigura urutonde rushasha rw’ihangiro rizoherekeza ibikorwa vyaryo mu gihe ryoshika kuvyo bihaye mu mwaka w’2015.

Bamwe mu nyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura baremeza ko ubukene bwugarije igihugu, na cane cane ko hacibonekeza ukutangana kw’abantu mu bijanye n’uburyo.
Mu gihe Uburundi bwatanguye umugambi wishinze kurwanya ubukene mu gihugu CSLP (Cadre Stratégique de Lutte contre la Pauvreté). Abatari bake babandanya bidodomba kuko atakarusho babona mu bijanye no kwikenura.

Nibaruta Jean Bosco, umwe mubatagira akazi basanzwe bahagarara mu gisagara barindiriye ko ataco baharonkera, agira ati : ‘’Uburundi buri mu bihugu biza ubwa mbere bikenye kw’isi, Leta nayo nta nguvu yerekana ku bantu batobato. Ikibabaje, n’uko banyarucari bababandanya bahonyangwa n’abitwa ko bobafashije kuva muri ubwo bukene, bakarushirizaho kubafata nk’abasuma. Kuri jewe, kugira igihugu kive mu bukene, n’uko abifise boshinga amashirahamwe, bakarwiza ubuzi kugira abashomeri naba ntahonikora baronke ico bakora, hakuguma bareze amaboko. Abatanga ubuzi bakwiye kureka gutanga ubuzi bakoresheje ka mwana wa mama, kuko akenshi abakaronka baca baguma ari ba bandi nyene, abakene nabo bakarushirizaho kwiyongera’’.

JPEG - 31.3 ko
Nibaruta Jean Bosco

Bukuru Hilali nawe, ni umukenyezi w’abana batatu. Avuga ko atagira icepfo nica ruguru, akaba ari no mu basegereza mu gisagara ca Bujumbura "Ubuzima bwo mw’ibarabara bwandambiye, nirirwa ndayerera, nca hirya no hino kugira ndabe ko ata womfasha ariko nkamara n’umunsi wose ataco ndonse kandi mfise abana bato nkirera."
Ubukene ntibumenyerwa, iyo birenze urugero, bishobora kwadurukamwo n’izindi ngeso zishobora kubandanya zisubiza inyuma igihugu (ubusuma, ubukozi bw’ikibi mbere n’ubwicanyi). Bukuru Hilali asaba Leta ko yotanga imitahe kuri abo bantu batobato batifiye, kugira bareke kuguma bareze amaboko, bareke kuza barakumirwa.

JPEG - 44 ko
Bukuru Hilali ari kumwe n’abana biwe batatu

Ivyo vyipfuzo vy’abo bantahonikora vyatumye tubibutsa ubutumwa bwa Ban Ki-Moon, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, aho agira ati : "Kugira kazoza twiyumvira dushobore kukabamwo, dutegerezwa kwitaba akamo ka bantahonikora, hamwe no gukemura ibibazo bafise, gutyo, twese hamwe tuzoshobora gukomeza ubutunzi n’amahoro birama, ubutungane n’ubuzima bwo kwubaha kuri bose."


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.