Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imigambwe 4 kuyirenga 40 niyo ikora bikaboneka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Imigambwe 4 kuyirenga 40 niyo ikora bikaboneka

Imigambwe 4 kuyirenga 40 niyo ikora bikaboneka

jeudi 3 Mukakaro 2014

Inyuma y’aho abari mu migambwe itavuga rumwe na Reta basabiye ko bokworoherezwa kugira bashobore gushikira abanywanyi babo iyo bari mu misozi, abarongoye intwaro bakaba basabwa kuborohereza.

Mu bikorwa vyo kwerekana ivyaranguwe mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, Edouard Nduwimana aburamutswa akaba amenyesha ko abanyamigambwe bose boshobora gushikira abanywanyi babo, ariko hagakurikizwa amategeko. Edouard Nduwimana akamenyesha ko mu migambwe igera kuri 40, icenda gusa ariyo iriko irakora biboneka ku rubuga. Iyo nayo ikaba ari nka UPRONA, FRODEBU, CNDD-FDD, FRODEBU Nyakuri.

Mukamenya ko kugeza n’ubu ariko, muri imwe mu migambwe hakivugwamwo ingorane z’ugucikamwo amashami, kandi bamwe bakagariza ubushikiranganji bw ‘intwaro yo hagati mu gihugu kuba buri inyuma y’uko gucanamwo n’ugucikamwo amashami. Aha tukavuga nk’umugambwe UPRONA ibaba rimwe rirongowe n’umushingamateka Karori Nditije, irindi naryo na Concilie Nibigira, muri FNL ishami rimwe rifiswe na Rwasa Agaton irindi rikagirwa na Yakobo Bigirimana mu gihe muri UPD Zigamibanga naho ishami rimwe rifiswe na Zedi Feruzi irindi naryo rikaba rifiswena Chauvineau Mugwengezo.


Aristide Nizigire

Messages

  • EWE EDOUARD NUKO WARIYE UMUTI W ISESEME AHANDI HO NDUMVA KO UFISE UMUGAMBI UGAYITSE WO GUFUTA IMIGAMBWE IDAFSHA DD ..!!!BIRAGARAGARA...

  • Abanyamigambwe Bari Bakwiy Kwihagararako Nkabagabo Bakirinda Ikibacanishamwo,
    Kuk iyo baba bari bafatanye munda uwo wese yoza abagomamwo amashami bomwamiriye hamwe kandi igihugu kirimwo abantu nkabo coterimbere!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.