Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imigambwe ibiri yo muri ADC Ikibiri yemeza ko izokwitaba amatora n’aho (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Imigambwe ibiri yo muri ADC Ikibiri yemeza ko izokwitaba amatora n’aho (...)

Imigambwe ibiri yo muri ADC Ikibiri yemeza ko izokwitaba amatora n’aho bitoroshe

lundi 19 Rusama 2014

Abakuru b’imigambwe ibiri yo mu runani ADC Ikibiri basanzwe bari mu buhungiro baratunganije ikiganiro ku banywanyi babo, bamenyesha ko mu mwaka uza bategerezwa kuzokwitaba amatoro ategekanijwe mu Burundi. Alexis Sinduhije arongoye MSD, hamwe na Léonard Nyangoma umukuru wa CNDD bavuga ko n’aho bitoroshe bazobishikako.

Mu gisagara ca Bruxelles kuri uwu wa gatandatu, mw’ihoteri Marivaux, abanywanyi barenga 160 nibo bari bitavye ico kiganiro cari gishimikiye ku guhanahana ivyiyumviro ku kungene hotegurwa mu mwaka w’2015 amatora ahuza bose, ku mugaragaro, kandi mu mutekano. Mu rwandiko rwasomwe muri ico kiganiro, bashize ahabona intambamyi nyamukuru zishobora kuzobangamira amatora yo mu mwwaka w’2015, aho bakaba bagarutse ku murwi utegura amatora utagira ubwigenge, imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi ibandanya gucibwamwo amashami, urwaruka rw’imbonerakure bafata nk’urwarengeye abajejwe umutekano, ibijanye n’ugusubira kwitoza mu kiringo ca gatatu kw’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza gushika n’ubu bitaradadanuka. Léonard Nyangoma muri ico kiganiro yahamagariye abanywanyi ba ADC Ikibiri kubandanya bafatanye mu nda, bunge urunani, kuko ingwano y’intwaro rusangi isaba gushira imbere ibiganiro, ari navyo bizobafasha gushika mu matora bavuga rumwe.

Abo bakuru b’imigambwe ibiri aribo Alexis Sinduhije arongoye MSD, hamwe na Léonard Nyangoma umukuru wa CNDD, bamenyesha ko ivyashikiye urunani ADC Ikibiri mu mwaka w’2010, aho rwikura mu matora bitazosubira gushika, uko bizogenda kwose. Alexis Sinduhije avuga ko n’aho ari hanze y’igihugu, umugambwe wiwe MSD uzokwitaba amatora uri hamwe n’iyindi bari kumwe mu runani ADC Ikibiri. Sinduhije ati : "Ntibizoba vyoroshe, kuko hari n’abazokwicwa, ariko akagumye bagumako". Sinduhije Alexis na Léonard Nyangoma bavuganye ukwizera kwinshi ko intsinzi ari iy’urunani ADC Ikibiri mu mwaka w’2015, mu gihe ariko amatora yocungerwa neza, kandi imigambwe yose igahiganwa ku mugaragaro. Abo bakuru b’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bwa CNDD FDD bavuga biteguriye ibiganiro n’ubutegetsi bw’i Bujumbura kugira akarenganyo n’agacinyizo bituzwe mu gihugu, ariko akibutsa ko mu runani ADC Ikibiri badashobora kwihanganira aboshaka kuguma babahohotera.


Egide Nduwimana

Messages

  • Abishize hamwe ntakibananire ntankenka cndd fdd izotsindwa.

  • Mbabazwa nutwo dufaranga mwotungishije imiryango yanyu muguma mwonona ngomuriko mwiruka mukwira ibihugu ngomugira ama propagandes ataho azobashikana politique yarabananiye kuko nka Nyangoma Leonard niwe abatwara igihugu uyumusi ariko kubera politique yamwinyegeje natahe atekereze arashaje yaramufyuye.de meme que ce Sinduhije Alexis abarundi baraguhinyuye kuatanakwije neza kuko wewe kuvyo wigira urongoye Uburundi bwoba buguye mumanga.

  • ABIYUMVIRA KO DD ITANZE PETER YOTSINDWA BARAROTA!!!!JE NKORERA KURI TERRAIN MURI ZONE YA NORD ,,ABAGORE N ABA JEUNES MUZI KO ARIBO BENSHI BARAMUHAYA KUBERA AMA PROGRAMMES ADASHOBOKA MURI SANTE NA EDUCATION..KUBERA UBUKENE NTACO BABONA KIBA KIDAKWIYE..YEMWE JEWE SINEMERA DD ARIKO NZI KO PETER AGIZE FORCING AKITOZA NKA BANDI BA NYAKURIKA AZOCA ATWARA MIRERE NA MIRERE.tUGWANRE GUKURIKIZA AMATEGEKO GUSA PETER NABISE ABANDI ..ABASUMA NKA BA BUNYONI NTIBAZWI ARIKO RABA NEZA PETER YOBAFASHA ..MURI BUNO BUKENE IFARANGA RIRAVUGA N ITERABWOBA..TUGABE TWESE NTIYITOZE...

  • Hahahahahah Jamani, tubisubiremwo kabisa!!!!! Mbe bishoboka gute ko mwotorwa nkabakuru bibihugu muba hanze??? Hahhaha imbugita nuwuyifise ikirndi batama ehe murashaje mbaye urwa nkeshimana politike yanyu yarabinyegeje kabisa!!!!! Peter ntaho muzo muca muri hanze. Yabananiye muri 2010 muri muburundi ubu muri hanze niho muzomushobora mbega??? Iya mwavuga ko inzinzi arirwanyu muri mubundi aho umuntu yobumva. Hahahaha ndabatwenze pe!!!!!!!!!!!!!!!!! (Tahuka muze murye ibiharage)

  • None abo 160 nibo bazitaba amatora hanyuma bace bayatsinda?hahahaaaa!!Nibaza atabanywanyi bafise bazotaha zirayoye,ico ndabashimiye nuko bemera ko bazosubira kwiruruka nko muri 2010.Nibitegure,bongere bategure n’imitima yabo,kuko gutsinda CNDD-FDD si muri ino myaka.

  • aho ga nkeshimana ntasoni guhangara umutama twese twubaha Nyangoma ukamuvugako ivyo wishakiye?mumezi makeya agira aramutwe uburundi kandi uzob’umpinyuza.ahubwo mwarakoze kudutwara les 10ans nimurabe musezere kuko tuzosubira kandi tuzobatwara neza.mumakungu naho ntibariko bata umwanya mais bari pour une noble mission importante pour le Burundi.

  • @Egide, Numwana ntiyovuga ko Nyangoma yiteze kuzoramutswa uburundi, Ariko kubera arigihugu ciwe akandikazi karikokose yokaronka mugihe bogabanya ubwo bubeshi bagasubira bakababantu nkabandi, ariko kuba prezida ntavyateze, niyabafise abana nibotwokwibaza ko boramuttswi gihugu. ndakubwirako kuvugako Nyangoma adateze kuramutwa igihugu ntibirinda umuntu abonakure nkuwo Nkeshimana numwanavutse ntiyovugako Nyangoma yiteze kuzoramutswa igihugu cu Burundi.

  • ubutegetsi ntibushobora kubakwira

  • Abo kugihe kumutagomba kuduha amakuru yitarike 17/5
    yivya baye kumupaka wurwanda
    nuburundi ingozi?nama kuru yumu pira wabaye18/5 habuzi?

  • ico mukoze murarinda kabisa,aho ga MAMA wokwiga kwicisha bugufi kuko mumezi make NYANGOMA LEHONARUDO buca agena inzego nshasha!ico mutomboyeko nuko yimereye neza atazobatoteza nkuko mumugira ahandiho hokubatswe ubusho bwishi,nimutangure kugira rapport y’ivyo mwaranguye kuko remise nivuba cane.iyo ndavyibutse ndabwira IMANA nti shemezwa buca ikibiri gifita ijambo mw’izina rya YESU.mbega umwe mwapfunga aje kumenyesha inkuru ya mungu ntararekurwa?aho kumwakira mukamuha amazi akoga nudufungurwa mukamera nka aburahamu yasanze yakiriye abamarayika mwamuhaye imbando?muzobazwa vyishi pe mais rurema abaharire

  • None ngaha murigufiki?nimusengimana haze habe amatora yokumugaragaro umuntu nubwoyoronka intebimw ayironk ayikwiye akarengane gatuzwe mureke ibintunkivyo vyubuswa ahontimubona ahintwaro zumugambumwezatugejje?dd yo ije ivyunyura none kurwanda rugira rubatere namwe mukiryana mwumva muzorurwanya gute?

  • burya turakwiye gucubwenge basha tukabona ubu abo ba dd bajangaho ngo barubatse amashule ariko ntibahe akazi abaja kwigisha? Mbega kwa muganga ko mbona bavuga ngwabana kubuntu nkaba mbona iyo miti myinshi yabana kumavuriro ya leta batayigira? Canke je muribuka muri iyi minsi ihez aho i bubanza bankiye abariko bagomba guteza ca giti stevia sukubera babona ko abanya bubanza bose boca baherera kwa mrc wa bayaganakandi. Rero aba dd bararavye ico bovuga kuba nya bubanza kigarara imbere ya bayaganakandi barabura. No mu cibitoke nuko nyene. Ndabibutse ko 1kg yico giterwa ari 5000 fr.

  • "Gahanga wishwe n’iki? Jewe nishwe n’urwabagabo ariko wewe uzicwa n’akarimi kawe" Aho nshatse kuvuga ko amajambo yogabanuka hakaba ibikorwa vyinshi apana ko amajambo aba menshi hama hageze ibikorwa bakiruka none wumva mutazohava mwiruka no mu gihe c’amatora??!!!

  • @Egide, ndaciye bugufi ejohobukera inkoko niyongoma. Kubijanye nuryafunzwe yazize kundasenga bikwiye ngo maze Imana imuyobore, nonewibazako Imana yamubwiye ngo urazoha perezida wuburundi ububutumwa bitarenze umusi runaka? mbewibaza ko Imana yamubwiye ngo urazosanga umukuru wi’igihugu Cibitoke umuhe ubutumwa ndakuhaye? canke ngumusange mu Kirundo? Jewendatinya kwifatira mugahanga mwenabo bakinatisha ijamboryimana ariko uwomuntu nibavyukuri haric’Imana yamuhaye ngo agishire perezida wuburundi, harihico yibagiwe gukora, jewenkumuntu kandi atoroshe namanumvirije canke nasomye bibiliya yanditsemwo amajambo yiyo Mana avuga, imbere yokwiruka aho umukuru wigihugu agiyehohose yarikwongera agafukama agasenga akabaza Imana ati: Mana kwiy’Isi yameze amenyo bigatuma umuntunkurya akuzekugira abantu bamucungera kubwishi nzobigenzagute kugirandamushikire? vyasebikuze namba ariyo yamutumye Imana yarikumwishura, ntiyarikuburanijamboryitwango’ genda mpemu w’Imana azokuyobora ati kandi nsanzwezi ko ngahakw’Isi harwiriye abagararizi, Ndaziko ivyo atabikoze, wewe yihitiyemwo kwirirwayiruka igihugu cose cuburundi!. Kandimuvyukuri uzikuri umukristo kurondera uyumu perezida wacu wu Burundi harinzirazishoboka zokumubona bitagoranye kandi yarazishize ahabona ntabwo yazihishije, umukeneye nkumukuru wigihugu harinzirazizwi wocamwo ukaburamushikiriye,Wamukenera kugiramusangire ivyamabanga y’Imana isengero asengeramwo iriri ahabona kandi riruguruye,hanyuma ukareka guteshumutwe abarundi, nabakristo ahobarihose murirusangi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.